Uburusiya burahakana ivyo bwagirizwa vyo kwiba ubuhinga bw’urucanco rwa Coronavirus

Andrei Kelin
Insiguro y'isanamu, Andrei Kelin aserukira Uburusiya mu Bwongereza kuva mu kwa 11 umwaka uheze

Uwuserukira Uburusiya mu Bwongereza ariyamiriza ibivugwa ko inzego zijejwe igendereza z'igihugu ciwe zagerageje kwiba ubuhinga bwo guhingura urucanco rwa coronavirus.

Mu kiganiro yagiranye n'umunyamakuru wa BBC, Andrew Marr, Andrei Kelin yavuze ati: "Ivyo ntavyo nemera, ibi ni ibinyoma gusa".

Ku wa kane, inzego zijejwe umutekano z'Ubwongereza zatangaje ko hari abariko bagerageza kwiba ubuhinga bw'ugukora urucanco, kandi ko "ata nkeka" ko "ari abakozi b'igisata c'igendereza c'Uburusiya".

Bwana Kelin yaboneyeho n'akanya ko guhakana ibivugwa ko Uburusiya bwivanze muri politike y'Ubwongereza.

Mu ntango z'ino ndwi, umushikiranganji w'imigenderanire w'u Bwongereza, Dominic Raab, yavuze ko ata nkeka ko Abarusiya barondeye kwivanga mu matora yo mu 2019 mu muri ico gihugu bakoresheje impapuro za magendo.

Bwana Kelin yavuze ati: "Twebwe ntavyo twivangamwo. Nta kamaro twe tubibonamwo kuko kuri twebwe umugambwe uwo ari wo wose woba uri ku butegetsi, tuzokwama twihatira gukomeza imigenderanire gusumba uko imeze ubu".

Ayo majambo ashikirijwe hasigaye iminsi mike ngo hasohoke icegeranyo cagiriza Uburusiya ko civanze cane mu biraba intwaro mu Bwongereza, kikaba gitegekanijwe gushikirizwa n'umurwi w'abashingamateka ujejwe igendereza n'umutekano.

Ikigo c'igihugu kijejwe umutekano ku mbuga nyabwonko (NCSC) kivuga ko cizeye ku bice 95% ko umurwi w'abo barusiya, uzwi nka The Dukes canke Cozy Bear, uri mu bagize inzego z'igendereza z'Uburusiya.

Abajijwe nimba ivyo ari vyo, Bwana Kelin ntiyashotse yishura, akavuga ahubwo ati: "Ivy'uyu murwi nabimenyeye mu binyamakuru vy'Ubwongereza".

Ati: "Kuri ino si, gufata ibijanye n'ubusuma buca mu mashini nyabwonko ukavyagiriza igihugu ico ari co cose, ntibishoboka".

Abandanya avuga ko Uburusiya ata "nyungu" bubona mu kurondera kumenya ibijanye n'ibiriko birakorwa mu mugambi wo gukora urucanco.

Avuga ko uruganda rukora imiti mu Burusiya R-Pharm rumaze kugiriranira amasezerano yo gukorera hamwe n'urundi ruganda AstraZeneca mu gukora urucanco rwa coronavirus ruriko rurahingurwa muri kaminuza ya Oxford, mu gihe vyoboneka ko harimwo akarusho.

Ku bindi yavuze, Bwana Kelin yavuze ko abayobozi b'Uburusiya bariko bihweza ibijanye n'amatora ya kamarampaka aherutse kuba muri iki gihugu, bakavuga ko babonye "ibitero vyinshi ku mbuga nyabwonko" bituruka ku butaka bw'Ubwongereza.

Haraciye indwi zibiri Uburusiya bwemeje impinduka zikomeyemw'ibwirizwashingiro, zirimwo ingingo zibuza kwubakana hagati y'abahuje ibitsina, ndetse zigatuma Perezida Vladimir Putin ashobora kuguma ku butegetsi gushika mu 2036.

Bwana Kelin yashimangiye ko Uburusiya "butagiriza u Bwongereza nk'igihugu" ko bwagize uruhara mu bitero vy'ubuhinga nyabwonko kandi ko igihugu ciwe kitashatse kubigira birebire.