Colombia: Umutegetsi yapfungishije umuhungu wiwe arenze ku ngingo yo kutava muhira

Ahavuye isanamu, TWITTER/@CARLOSHIGGINSV1
Umukuru w'igisagara kimwe co muri Colombia arakezwa cane inyuma y'aho apfungishirije umuhungu wiwe kubera yarenze ku ngingo yo kutava muhira yafashwe mu ntumbero yo guhagarika ikwirakwira rya coronavirus.'
Carlos Higgins Villanueva avuga ko yabikoze kugira ngo atange akarorero.
Yanditse ku rubuga rwa Twitter ati: "Umuryango wanje niwo utegerezwa kuba uwa mbere mu kwubahiriza amategeko".
Muri Colombia, abantu bashika 95.000 baramaze kwandura uwo mugera, abarenga 3.500 nabo urabahitana.
Intara ya Atlántico iri mu buraruko bw'ico gihugu ari nayo irimwo ico gisagara gito ca Juan de Acosta gitwarwa na Bwana Higgins, igira kabiri mu ntara zifise ibitigiri binini vy'abanduye uwo mugera.
Bwana Higgins yerekanye amasanamu yiwe yitwariye ku gipolisi umuhungu wiwe, umwishwa wiwe hamwe n'uwundi mugabo avuga ko "ari umugenzi pfa mpfe", aho yaciye asaba abapolisi ko "bakora akazi kabo ko guhana abarenga ku mategeko mu gihe cose babonye bikenewe".
Abo bantu batatu bose bafashwe ireresi bari mu kirori co guhimbaza umunsi wahariwe abagabo.
Ivyo birori uretse ko vyabaye mu masaha abantu babujijwe gutembera, vyariko bigurishirizwamwo n'inzoga, ibiteye kubiri n'ingingo yari yafashwe na leta yo kubuza inzoga ico gihe.
Bwana Higgin yanditse kuri Twitter ati: "Umuryango wanje ni wo wa mbere utegerezwa kwubahiriza izi ngingo. Sinzobemerera ko bashira ubuzima bw'abanyagihugu mu ngorane kubera gusa bishakira kunywa".
"Ndafise abandi bana bato, rero ingorane ni uko ashobora kuzana uwo mugera muhira mu gihe yowandura. Nshatse gutanga akarorero kugira ngo n'abandi babonereho ko bategerezwa kwubahiriza amategeko".
Abo barenze ku mategeko bategetswe gukora ibikorwa vyo kwitangira igihugu.
Abategetsi b'igisagara bafashe ingendo yo gukurikiza ako karorero k'umukuru w'igisagara aho baciye batanguza isekeza bise: "Ndakubonye uri mu kirori, uriko uranywa inzoga, hanze y'umuhana, wagiye kuramutsa canke wakiriye abashitsi canke ukina umupira, nzoca ndakurega maze utwarwe ku gipolisi".
Iyo ngingo y'umukuru w'ico gisagara yashimagijwe cane, abanyagihugu bakavuga ko yashize mu ngiro wa mwibutsa ngo "itegeko ritangurira mu nzu".










