Urukingo rwa coronavirus: Ibipimo ku nkende bitanga icizere

Inkende z'ubwoko "rhesus macaque"

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Inkende z'ubwoko "rhesus macaque" zifise uburyo bw'umubiri bwo kwirinda indwara bushusha nk'ubw'umuntu

Urukingo rwa coronavirus bisa nk'uko rwakingiye indwara ya Covid-19 inkende zitandatu zo mu bwoko bwa "rhesus macaque".

Ibi vyatanze icizere kuri urwo rukingo, kuri ubu rukaba ruriko rurageragezwa ku bantu.

Ariko naho biri uko, nta cemeza ko ivyashitsweko ku nkende ari vyo bizoshikwako ku bantu.

Ibikoko vyahawe urwo rukingo, hanyuma bikanduzwa umugera wa SARS-Cov-2, basanze bifise umugera muke cane mu mahaha no mu mahemero.

b
Coronavirus

Aho bagereranije n'umugwi w'izindi nkende zozo zitahawe urwo rukingo.

Ukwo kugerageza kwakorewe muri Amerika, kujamwo abashakashatsi b'ikigo ca leta ya Amerika, National Institutes of Health (NIH) hamwe n'abo kuri Kaminuza ya Oxford mu Bwongereza.

Urwo rukingo vyagaragaye ko rukingira ibikoko ntibifatwe n'umusonga.

Inkende z'ukwo "rhesus macaques" zifise uburyo bw'umubiri bwo kwikingira indwara bushusha nk'ubw'umuntu.

Ku buryo bwokwizigirwa, ntizafashwe n'indwara zituruka ku kwirwanako kw'abasoda b'umubiri - bishika igihe urukingo rwakiriwe nabi n'umubiri ku rugero rubi cane.

Ivyo vyarashitse mu magerageza ya mbere ku bikoko aho vyaterwa urukingo rwa SARS - ubundi bwoko bwa coronavirus - bica biba inkingi ikomeye mu gutunganya urukingo rw'iyo ndwara.

Elisa Granato ariko arahabwa urukingo
Insiguro y'isanamu, Elisa Granato niwe mukorerabushake wa mbere yatewe urukingo rugitangura kugeragezwa ku bantu

Iki cigwa ntikirihwezwa n'abashakashatsi hanyuma ngo gishirwe ahabona mu binyamakuru, ariko Prof Stephen Evans wo kw'ishure rya London School of Hygiene and Tropical Medicine, yavuze ko ari ivyo "ku rwego rwo hejuru" kandi "bitera intege cane".

Hagati aho mu Bwongereza abakorerabushake bashika 1000 bariko barageragerezwako urukingo kuri Kaminuza ya Oxford.

Kuri ubu hari inkingo zirenga 100 za coronavirus ziriko zirageragezwa.