Coronavirus: Ubuhindi bwahagaritse ibikoresho vyo gupima ‘bidakora’ vyaguzwe mu Bushinwa

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubuhindi bwahagaritse umuzigo w'ibikoresho vyo gupima coronavirus mu buryo bubangutse vyari vyaguzwe mu Bushinwa bingana hafi igice c'umuliyoni inyuma y'ukuboneka ko "vyapfuye".
Leta y'ico gihugu kandi yaciye itegeka ko ivyari vyamaze gutangura gukoreshwa mu ntara zitandukanye bivanwayo.
Ivyo bikoresho bitanga inyishu z'ibipimo mu minota hafi 30, bigashobora kwerekana abantu bashobora kuba baramaze kwandura.
Ivyo birafasha abategetsi kumenya igitigiri c'abanyagihugu baba baranduye uwo mugera mu karere kanaka.
Ubushinwa buriyamiriza ibivugwa n'Ubuhindi.
Mw'itangazo ryasohowe uno munsi, Ji Rong avugira ibiro vy'ubuserukizi bw'Ubushinwa mu Buhindi avuga ati: "Ikintu nyamukuru dushira imbere mu bidandazwa vy'ubuvuzi u Bushinwa bugurisha ni uko biba bikwije ivya ngombwa".
"Sivyiza na gato kandi nta n'iteka bitanga kubona hiyadukiza abantu bubahuka kuvuga ko ibidandazwa biva mu Bushinwa 'vyapfuye' mbere ugasanga bamaze no kuvyishiramwo".
Ivyo bikoresho vyo gupima mu buryo bubangutse, mu bisanzwe ntibishobora gupima coronavirus ubwayo, ari co gituma abahinga bafise amakenga ku bijanye n'ikoreshwa ryavyo.
Intara zitari nke zagumye zisaba zishimitse ikigo c'igihugu kijejwe gupima indwaramu Buhindi, Indian Medical Research Council (ICMR), ko cozirekurira zigakoresha ivyo bikoresho, bitumwe n'uko abanyagihugu bari bafise amakengako igihugu cabo ata kintu kinini kiriko kirakora kugira ngo gipime abantu baco.
Mu ntango, ICMR yagumanye amakenga, ariko ivamwo iragondozwa, iratumako ivyo bikoresho mu makompanyi abiri.
Hagati aho, haciye akanya gato gusa, intara zaciye zitangura kwidoga zivuga ko ivyo bikoresho vyari bifise urugero ruto cane rungana n'ibice 5% rwo gutanga inyishu zo nyazo.
Izo ntara zimenyesha kandi ko zakoresheje ivyo bikoresho mu gupima abari basanzwe bazwi ko bamaze kwandura ariko inyishu z'ibipimo zisohotse zikerekana ko "ata mugera bafise".
Mu nyuma n'ikigo ICMR kikaba cagiye kumenyesha ko ivyo bikoresho bidakwije ivya ngombwa.
Ico kibazo cagiye kwunyuka ejo ku wa mbere, inyuma y'aho sentare nkuru igiriye umwihwezo w'amafaranga yarishwe kuri ivyo bipimo ica imenyesha ko leta yatanze amafaranga y'umurengera.
Hagati aho, abategetsi babwiye ibinyamakuru vyo muri ico gihugu ko leta "atarufaranga na rumwe izotakaza" kubera ko umuzigo wose wahagaritse imbere y'uko banariha amahera.










