'Kizito Mihigo yari yarondeye guhunga kuva kera' – umuryango ACAT-France

Ahavuye isanamu, Kizito Mihigo/Facebook
Ishirahamwe ryo mu Bufaransa rirwanya iyicarubozo rimenyesha ko wa muririmvyi Kizito Mihigo aherutse gupfira mu gasho k'igipolisi mu Rwanda yari yaryituye arisaba ingene yoshobora guhunga akava mu gihugu.
Avugana na BBC, Clément Boursin ajejwe igisata ca Afrika muri ACAT (Action Chrétienne pour l'Abolition de la Torture) avuga ko kuva mu kwezi kw'icenda 2019 bavugana na Kizito Mihigo, aho yababwira ko yipfuza guhunga akava mu Rwanda kubera yabona ko adatekaniwe.
Avuga ko bari bamuhanuye ko yorindira kubera kuri bo hatari bwagere.
Kizito Mihigo yapfiriye muri gereza y'igipolisi i Remera, inyuma y'aho afatiwe ku mupaka w'u Burundi n'u Rwanda mu kwa kabiri, yagirizwa ko yariko agerageza kujabuka mu buryo bunyuranyije n'amategeko.
Clément Boursin ati: "Twebwe amaze kuduhanuza, natwe twahanuje abahinga bacu ku biraba u Rwanda, nabo batubwira ko kwoba ari ukwita mu muriro kuri Kizito Mihigo kurondera kuva mu gihugu".
"Batubwiye ko abategetsi bari bakimushinze ijisho, rero ko yategerezwa kubanza kurindira icuka kikabanza kigahumura, cane cane mu karere kose hagati y'u Rwanda n'ibihugu vya Uganda n'u Burundi".
"Twebwe ni ko twari twamuhanuye, rero numvise ko yafatiwe ku mupaka w'u Burundi n'u Rwanda, naciye mbona ko vyari vyanse ko arindira".
Avuga ko Kizito Mihigo yabona ko atari agishobora kubeshwaho n'umwuga wiwe kubera indirimbo ziwe zari zabujijwe ku bitangazamakuru byo mu gihugu, kandi akaba ata n'umwe yashaka kuvugana nawe.
Bwana Boursin ntiyemera ivyatangajwe na leta y 'u Rwanda ku rupfu rwiwe kubera "nta cegeranyo c'amatohoza catanzwe, kandi nta n'icegeranyo catanzwe ku vyerekeye ingene yoba yarapfuye".
Bwana Boursin asaba ko haba amatohoza yigenga kubera abona ibijanye n'ipfungwa n'ingene yari afashwe mu gasho birimwo igipfungu (canke urujijo mu Kinyarwanda), kandi ko muri kahise yigeze kugirirwa nabi.
Ati: "Muri kahise Kizito Mihigo yigeze kunyuruzwa, arapfungirwa ahantu hatazwi, araborezwa igufa, kandi yari yaratubwiye ko yari amaze igihe aterwa ubwoba, ari co gituma urupfu rwiwe ruteye amakenga".
"Kizito Mihigo yumva ata mutekano yari afise arico gituma yashaka guhunga u Rwanda akaja i Bulaya".
Bwana Boursin abona ko habayeho amatohoza yigenga urupfu rwa Kizito Mihigo "nk'umuntu yashira imbere ugusubiza hamwe kandi ata kabi kamuranga" vyoha iteka u Rwanda.
Bivugwa ko Kizito Mihigo yafashwe n'abanyagihugu ku wa 13 z'ukwa kabiri ari kumwe n'abagabo babiri, aho bavugwa ko bariko bagerageza kujabuka umupaka baja i Burundi, akaba yagirijwe ko yariko agerageza kuva mu gihugu mu buryo bunyuranyije n'amategeko.
Yagirijwe kandi ko yari agiye kwifatanya n'imitwe y'iterabwoba irwanya igihugu c'u Rwanda.
Yagiye gupfa ku wa 17 z'uko kwezi nyene apfiriye mu gasho k'igipolisi, aho ubugenzacaha mu Rwanda bwatangaje ko yapfuye yiyahuye, vyaje no kwemezwa mu nyuma n'ubushikirizamanza bukuru bw'u Rwanda.










