Umugore yishwe no gufungura mw'ihiganwa ryo kurya muri Austalia

Keke ya Lamington

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Lamington ni ubwoko bwa keke bumeze nk'iponji isizwe shokora inamijagiye utumanyu duto cane tw'inazi

Uwo mugore w'imyaka 60 yafashwe n'ibisa n'intandara (igicuri) ariko arafungura umutsima wa keke wo mu bwoko bwa Lamington anyarutsa cane mw'ihiganwa ry'umunsi mukuru w'igihugu ca Australia.

Bivugwa ko iyo ntandara yamufatiye muri iryo higanwa kw'ihoteli ya Hervey Bay, Queensland, mu muhango wo kwizihiza umunsi mukuru wa Australia ejo ku wa Mungu.

Abari muri iryo higanwa bari bafashwe amasana mu muri video bariko bararya banyarutsa cane, umutsima kama wa keke umeze nk'iponji isize shokola hamwe n'utumanyu tw'inazi.

Bagerageje kumutabara mu kumuzanzamura vy'ikivuzi (CPR) akigwa hasi, aca ajanwa kwa muganga ariko mu nyuma aza guhwera.

Abavyiboneye bavuze ko uwo mugore yari yatsindagiye mu kanwa imwe muri izo keke igihe vyaca vyigaragaza ko ahuye n'ibibazo.

Video yagiye ahabona yerekana abaremesha-birori b'iyo hoteli bariko baratera intege abahiganwa, bafise ibirahure vy'amazi impande yabo, imbere y'uko iryo bara rigwa.

Ihoteli Beach House y'i Hervey Bay yashize ubutumwa kuri facebook ihoza umuryango hamwe n'abagenzi b'uwo mugore, ataravugwa izina gushika ubu.

Bashimiye abatwara rusehabaniha ku kuntu "banyarutse kandi bakavyitwaramwo vya kinyamwuga mu gihe ayo mahano yariko araba".

Amahiganwa yo kurya arakunzwe cane muri Australia mu gihe c'umunsi mukuru wa Australia Day, umunsi w'akaruhuko wibutsa igihe abanyaburaya bashika muri Australia.

Abahiganwa kenshi baratsindira udushimwe iyo bariye keke nyinshi, imikate ya pies, imikate irimwo isosiso izwi nka hot dog canke ibindi bifungurwa, bafungura mu mwanya muto cane.