Anglican: Umupasiroti yagiye kwemeza ko ari mu bahuza ibitsina babisangiye ku myaka 91

Stanley Underhill yagiye kuvuga ivyamubayeko afise imyaka 91

Ahavuye isanamu, www.comingoutoftheblackcountry.com

Insiguro y'isanamu, Stanley Underhill yagiye kuvuga ivyamubayeko afise imyaka 91

Stanley Underhill ni umupasitori wa anglican mu Bwongereza yarindiriye mpaka ashikane imyaka 91 kugira yimenyekanishe ko ari mu bahuza ibitsina babisangiye.

Ubuzima bwiwe bwose bwabaye ubwo ingorane kubera ukwitwa ko ari mu bahuza ibitsina babisangiye. Yavuganye n'umunyamakuru wa BBC Emily Webb ku rugamba rwiwe mu buzima bwiwe bwose.

Pasitori Stanley Underhill ati: "Niko navutse, sije nabishatse. Maze ubuzima bwanje bwose nipfuza nti iyo mvuka meze nk'abandi bagabo".

Kuva akiri muto, uyo mupasitori wa Anglican yaribonye ko atari ameze nk'urundi runganwe. Ariko ntiyaronka uwo yihekako.

Stanley Underhill yabwiye umunyamakuru wa BBC, Emily Webb, ati: "Nagiye kubibwira mwenewacu ko ndi mu bantu bahuza ibitsina babisangiye mu 2018 ndavyanditse mu gitabo".

Ico gihe yari afise imyaka 91, asumvya mwenewabo imyaka ibiri gusa.

Underhill ati: "Kandi ntivyamutangaje. Nababajwe n'uko ntabimubwiye, nkabimenyesha n'umuryango hakiri kare kuko ntari nzi ingene bari kuvyakira".

'Uguhemuka ku Mana'

Underhill

Ahavuye isanamu, Stanley Underhill

Insiguro y'isanamu, Underhill (uwa kabiri uvuye i buryo ) avuga ko baba abavyeyi canke abo bavukana, nta n'umwe yari azi ibijanye n'ubuzima bwiwe mu biraba igitsina.

N'umubabaro mwinshi, Underhill ati: "Nakuriye mw'isi y'urwanko, yugaye mu mutwe, y'ubujuju, yemera ibintazi, yiganziwe n'ubukene, n'amacakubiri".

Amaze gukura yagerageje guhindura uko yaboneka kugira ngo aboneke nk'abandi bagabo.

Mu 1918 - asigaje imyaka icenda ngo avuke - abagore mu Bwongereza baronkejwe uburenganzira bwo gutora, ariko kwitwa ko uri mu bahuza ibitsina babisangiye cari icaha kandi baboneka ko ari "ibihemu imbere y'Imana".

Vyatumye Underhill, co kimwe n'abandi bagabo bahuza ibitsina n'abo babisangiye, bahisha ingeso kugira ntibaboneke abo bari.

"Nagerageje kwihakana uko nari ndi, muri jewe, imbere y'abantu n'imbere y'Imana"

Intambara n'ibiraba igitsina ciwe

Akiri umwana, Underhill yari afise isoni, abavyeyi biwe nabo badashaka kuvuga ibiraba igitsina, ivyatumye ataronka akaryo ko kuvuga ibijanye n'uko yiyumva ku biraba igitsina.

Stanley Underhill

Ahavuye isanamu, www.comingoutoftheblackcountry.com

Insiguro y'isanamu, Underhill yakuze mu gihugu abahuza ibitsina babisangiye bankwa urunuka

"Sinamenye uwo ndi. Nariyumva ko meze uko nari meze, ariko sinashobora kubisigura, kandi nta n'umwe yashoboye kubinsigurira. Nk'uko ubizi, amajambo ngo uguhuza ibitsina n'abo mubisangiye ntiyabaho iwacu.

Se wiwe yakora mw'ihinguriro ryakora ibikoresho vy'umuyagankuba, ariko agashahara kiwe kari gato ku buryo umuryango utitaho ibindi bintu bitagira akamaro.

Underhill avuga ko ico se wiwe yakora kwari ukumuha amategeko no kumukankamira gusa.

"Nibaza ko yansuzugura. Ntiyambwira igituma".

Eka n'imigenderanire na nyina wiwe nayo nyene ntiyari yoroshe na gato. Yama amubwira ati: "Wewe iyo ngeso wayikuye he?"

Ibintu rero vyaza kwunyuka ageze kw'ishure kuko baramuzomera.

Yishakira abagabo

Igihe yiga kwoga, niho yabona ko yakunda igitsinagabo. Mu gitabo ciwe avugamwo ubuzima bwiwe (Coming out of the Black Country) yanditse ati: "Ndinze mbona umubiri wiwe akubise umwibiro (uwamwigisha kwoga) numva nshaka kuguma ndamuraba".

Underhill yaragize ingorane na nyina wiwe (iyo sanamu)

Ahavuye isanamu, Stanley Underhill i

Insiguro y'isanamu, Underhill yaragize ingorane na nyina wiwe (iyo sanamu)

Yinjiye mu gisirikare kirwanira mu mazi afise imyaka 18.

Inyuma y'intambara ya kabiri y'isi yose, yarungitswe gukorera mu gisata cari kijejwe kwunguruza abagore barongowe n'abasirikare ba Amerika babatwara muri ico gihugu.

Umunsi umwe yari mu ndege yari ibatwaye muri Amerika, umwe mu bagore bari muri iyo ndege yaraguye arakomereka cane ukuguru.

Underhill niwe yahamagawe ngo amuvure, ariko amaze kubona amaraso menshi yaciye ata ubwenge yikubita hasi.

Umugabo yitwa Alex yaciye ahabwa igikorwa co kumukurikirana.

Urukundo ruba ruratanguye

"Nuguruye amaso nabonye uyo mugabo (Alex) ariko arandaba. Yarambwiye ikintu, ariko sinacumvise. Ariko twahuje amaso nca numva ndamushatse".

Underhill yatanguye kuronka umukunzi mu gihe yakora mu gisirikare kirwanira mu mazi

Ahavuye isanamu, Stanley Underhill

Insiguro y'isanamu, Underhill yatanguye kuronka umukunzi mu gihe yakora mu gisirikare kirwanira mu mazi

Mu 1948, ahejeje ibikorwa vya gisirikare, se wa Alex yamuhaye akazi ko gukora yitanga nk'umushinguzi.

"Urukundo rwanje na Alex rwari ruryoshe. Sinigeze numva ko ndiko ndarenga amategeko, canke ko nariko ndakora ibintu bidasanzwe".

'Gukundana nanje vyari ivyaha '

Ariko igihe Underhill ashakiye kubana na Alex, niho yabonye ko ari ikintu kidashobora kwemerwa.

Se wa Alex amubwiye ko akazi gaheze, ko yoronderera ahandi, Alex nawe yaciye atangura guhinduka.

"Twaciye dutangura gusoma ijambo ry'Imana. Niho yaciye atangura kuvuga ko imigenderanire yanje nawe vyari ivyaha".

Alex yaciye atangura kuresha umukobwa ariko kandi abandanya akundanye na Underhill. Niho rero mu 1952, Alex yafata ingingo yo kurongora umukunzi wiwe, aca asaba Underhill ko yomubera umwe mu bahagarikizi.

Agahinda kenshi

"Yari ingorane. Nabona ko antaye nk'akanuka. Nabona ko antaye mu ngorane zitabaho".

Underhill avuga ko ubu yishimiye ingene abahuza ibitsina babisangiye bafatwa ubu

Ahavuye isanamu, Justin Creedy Smith

Insiguro y'isanamu, Underhill avuga ko ubu yishimiye ingene abahuza ibitsina babisangiye bafatwa ubu

"Mu nyuma Alex yansabiye ko nokizwa ngaheba iyo ngeso".

"Umunsi umwe mu gatongo mu kwezi kwa 11 yakoranije abagenzi abasaba ko bonyubikako ibiganza bakansengera. Yararyohewe bidasanzwe"

"Yasavye Yezu/Yesu ko yokwirukana amashetani yari andimwo kugira ngo mpebe ivyiyumviro vyo guhuza igitsina n'abo tugisangiye".

Ivyavuyemwo vyabaye ivyago. "Vyatumye numva ko namenje gusumba ibindi bihe vyose. Naragiye kwa muganga ndamubwira nti 'Numva ata kamaro ko kubandanya mba kuri ino si - pfuma unyica".

Yaratewe n'agahinda kenshi cane gushika aho yumva yokwiyahura.

Akabonge

Underhill yaragerageje guhindura kamere yiwe. Mu kiringo c'igihe gito, yarahevye kuza araraba abagabo bamuciye iruhande.

Yaripfuza cane guhindura kamere yiwe ku biraba igitsina, ariko ntivyamushobokeye. Yarambaje Imana, ariko biranka.

Ati: "Abagenzi banje bose - kiretse umwe - barampevye. Vyari vyakwiragiye hose ko ndi mu bantu bahuza ibitsina babisangiye".

Yahavuye agurisha inzu yiwe asubira muhira kubana na nyina wiwe mu kiringo gito.

Guhindura amategeko

Hafi mu buzima bwose bwa Underhill, mu Bwongereza no mu bihugu vyose vyatwarwa n'u Bwongereza, abahuza ibitsina babisangiye bankwa urunuka.

Gusa mu 1967 niho amategeko yahana abahuza ibitsina babisangiye yavanwaho mu Bwongereza na Ecosse.

Ariko rero gushika ubu, ibihugu 68 bifata ko uguhuza ibitsina ku babisangiye ari icaha gihanwa n'amategeko, Igice muri ivyo ni ivyahoze bitwarwa n'u Bwongereza.

Umwe mu bahuye n'iyo ngorane ni umuhinga Alan Turing, ari nawe yatumye Hitler atsindwa mu ntambara ya kabiri y'isi yose mu gutanga akajambo k'ibanga, Enigma Code, kakoreshwa n'aba Nazi b'Ubudagi.

Igishusho ca Alan Turing mu karere k'abahuza ibitsina babisangiye i Manchester

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igishusho ca Alan Turing mu karere k'abahuza ibitsina babisangiye i Manchester

Mu 1952 yaragirijwe ibiterasoni kubera yari yahuje igitsina n'uwundi mugabo. Kugira ngo ave mw'ibohero, yahisemwo gufata imiti, haciye imyaka ibiri arapfa bikikekwa ko yiyahuye.

Underhill yarafashe imiti yo kwongereza ubugabo (testosterone) inyuma y'amasengesho ya Alex ataco yavuyemwo.

Hagati aho, avuga ko ivyo vyamwongerereje ibibazo gusa.

Agasuzuguro

Yahavuye yimukira i Londres, akavuga ko n'aho yahasanze abandi bagenzi basanzwe bahuza ibitsina n'abo babisangiye, Underhill ntiyorohewe kuronka abagenzi.

Underhill mu 1957

Ahavuye isanamu, Stanley Underhill

Insiguro y'isanamu, Afise imyaka 29 Underhill yimukiye i Londres, aho yasanze bagenziwe bahuza ibitsina babisangiye

"Nararonse abakunzi kandi ndaronka n'abagabo duhuza ibitsina, ariko ntivyagenda neza nk'uko nabishaka".

Yahavuye aronka umukunzi muri kompanyi y'abahinga mu vy'amafaranga, ariko kuba yari mu bahuza ibitsina babisangiye vyamubereye ikibazo gikomeye.

"Baransuzugura mu buryo bwose bushoboka kubera ndi umwe mu bahuza ibitsina babisangiye. Vyatumye ndahava kugira ngo ndabe ko nokwibera pasitori, ico nari maze igihe kirekire nipfuza".

Amaze kuba pasitori

Ufatiye ku kungene ishengero ryagize uruhara rukomeye mu kurwanya abahuza ibitsina babisangiye, ico ciyumviro cari gitangaje.

Underhill avuga ko hari abatahura nabi ivyanditse mu bitabo vyeranda, aribo batera iyi ngorane. Nk'umwana w'umuhungu yarasenze mu misa y'abana ku wa Mungu ariho yafatiye Yesu nk'icitegererezo.

Mu gitabo ciwe yanditse ati: "Naranezerejwe n'ingene Yesu yari umuntu yarwanya ivyiyumviro bipfuye akanavugira abagowe".

Underhill yarigiye vyinshi mw'ireresi yavuga ubuzima bwa Yesu, The Man Born to be King (Umuntu yavutse kugira abe Umwami).

"Naramusavye ko yombera umugenzi akananyobora mu buzima bwanje".

Mu gihe yariko yegereza imyaka 50, Underhill yaragiriraniye imigenderanire ya hafi cane n'intumwa yiwe, avamwo yinjira mu muryango wa Fransisko Mweranda - w'aba Anglican - kuko yabonye ko abawugize batarwanya abahuza ibitsina babisangiye.

Uburyarya mu rusengero

Kugira ngo ashobore kuronka ubupasitori, vyabaye ngombwa ko yiga imyaka itatu. Mu nyuma yakoze ubutumwa mu maparuwasi atandukanye ariko atiyerekana ko ari mu bantu bahuza ibitsina babisangiye.

Underhill ari kumwe n'abo mu muryango wiwe amaze kuronka ubupatiri

Ahavuye isanamu, Stanley Underhill

Insiguro y'isanamu, Underhill (yambaye ivyera) yakoze mu maparuwasi atandukanye aterekanye ko ari mu bahuza ibitsinda babisangiye

Yanditse ati: "Kubera uburyarya bwabandanya bwibonekeza mu bategetsi b'ishengero, sinabona ko bishobora kunyorohera kuva mu gacerere".

Igihe cose, yabona ko agateka kiwe gahonyangwa. Umunsi umwe, umusiguzi yari yagenywe ngo amufashe nk'umupasitori yamuteye ubwoba ko ashobora kumurega.

Underhill umutima ntiwasimvye kuko "ata vyemezo uyo mugabo yari afise - uretse kwikeka gusa".

Imana yose ntiyamureze, ariko ivyabaye vyashobora kumugirira ingaruka mbi, kuko vyashobora gufatirwako kugira ngo bamutyoze.

Ubwigenge

Igitabo ca Underhill kirerekana ingene ishengero rifise amakenga yo kwemera abahuza ibitsina babisangiye.

Stanley Underhill ari i Charterhouse i London

Ahavuye isanamu, Thomas Volker

Insiguro y'isanamu, Underhill avuga ko atigeze ashobora kwegerana cane n'umugabo wundi nyuma yaho urukundo rwiwe rwa mbere rwankiye

Yandika ati: "Kuri iki kibazo c'abahuza ibitsina babisangiye, ishengero ryaratakaje akaryo keza ko kwerekana urukundo n'impuhwe vyaranga Yesu".

Ubu ni umukukuruke i Londres, akaba yishimira ingene ibintu vyahindutse ku kungene abahuza ibitsina babisangiye bafatwa.

Ati: "Ubwo ni bwa bwigenge bwari bwabuze".

Hagati aho, ibikomere yagize ku mutima ntibirakira neza.

Ati: "Ndababazwa n'ukungene nabuze uburenganzira bwo kurangura amabanga y'abubatse nk'uko ndavyiyumvamwo, ivyo vyanteye umubabaro mwinshi".