Khagendra Thapa Magar: Umugabo mugufi kw’isi yapfuye afise imyaka 27

Khagendra Thapa Magar yabonywe ko yari we mugabo mugufi cane ashobora gutembera

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Khagendra Thapa Magar yabonywe ko yari we mugabo mugufi cane ashobora gutembera

Umugabo mugufi cane kw'isi, nk'uko vyemezwa n'ikigo Guinness World Records (GWR), yapfiriye mu bitaro vyo mu gihugu ca Nepal afise imyaka 27.

Khagendra Thapa Magar yava mu karere ka Baglung muri Nepal, akaba yari afise uburebure bwa santimetero 67.08.

Mwenewabo yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko yapfuye ejo ku wa gatanu azize indwara y'umusonga.

Ikigo Guinness World Records (GWR) kijejwe kwihweza ivyakozwe n'abantu n'imibereho yabo, cababajwe n'urwo rupfu, kivuga ko "ubwo bugufi bwiwe butamubujije kubaho mu buzima bwiza".

Bwana Magar, yamenyekanye ko yari we mugabo mugufi kw'isi yose ashobora gutembera igihe yagira isabukuru ry'imyakia 18 y'amavuko mu 2010, mu birori vyitabiriwe n'abanyacubahiro batari bake bavuye mu mihingo yose y'isi.

Ico gihe yavuze ati: "Jewe sinibona ko ndi muto. Ndi umuntu mukuru. Niteze ko kubona mfise iri teka bintuma ndariharanira mbere nkaronka n'inzu nziza imbereye n'umuryango wanje".

Bwana Magar yahavuye aza kubona uwumusubirira mu nyuma, aho habonekeye uwundi wo muri ico gihugu ca Nepal nyene Chandra Bahadur Dangi, yari afise uburebure bwa santimetero 54.6.

Hagati aho, Bwana Dangi amaze gupfa mu 2015, Magar yaciye asubirana ikibanza ciwe.

Magar yatanguye kubonwa n'umucuruza yariko yitemberera afise imyaka 14 aca amutwara mw'ihayanishwa, aho abana bategerezwa kuriha amafaranga kugira bifotozanye nawe.

Ikigo GWR kimaze kumumenya mu 2010, yazungurutse isi yose yerekanwa no ku mboneshakure i Bulaya na Amerika.

Yaranakoreshejwe mbere no mw'isekeza ryo guhimiriza abakirarugendo kuja gutembera muri Nepal.

Umwanditsi mukuru wa GWR, Craig Glenday, avuga ko yababajwe cane n'urupfu rwa Bwana Magar.

Ati: "Amwenyuye yasa n'irirenga ku bamubona bose".

Inyuma y'urupfu rwa Magar, ico kibanza ca mbere c'umuntu mugufi cane ashobora gutembera ubu gica cegukira Edward Hernandez akomoka muri Colombia, akaba afise uburebure bwa santimetero 70.21