Uganda: Perezida Yoweri Museveni agiye kurongora urugendo rwa 100km "rw'ukwibohoza"

Yoweri Museveni yashitse ku butegetsi mu 1986 yirukanye Tito Okello

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Yoweri Museveni yashitse ku butegetsi mu 1986 yirukanye Tito Okello

Perezida wa Uganda Yoweri Museveni agiye kuyobora urugendo rw'ibirometero 100 mu kwibuka abarwaniye igihugu.

Uro rugendo rw'iminsi itatu ruzotangurira mu karere ka Galamba kari hagati rurangirire ahitwa Birembo, mu burengero bw'igihugu.

Mw'itangazo ryasohowe na Don Wanyama ajejwe kumenyesha amakuru mu biro kwa perezida, avuga ko Museveni azorongora umurwi w'abakukuruke n'urwaruka mu ntumbero y'ukwibuka ababiguze.

Iryo tangazo ryasubiwemwo n'ikinyamakury Daily Monitor rivuga riti.

" Vyitezwe ko abazoba bari muri urwo rugendo bazogenda hagati ya 24 na 32 ku munsi, imbere y'uko baruhuka ku mugoroba bahurire ku gicaniro".

"Perezida Museveni n'abandi bakukuruke bazoshikiriza ijambo abazoba bari muri urwo rugendo ku bijanye urugamba rwo kubohoza Uganda".

"Bazobereka kandi uruhara rw'imihari itandukanye harimwo na Front for National Salvation (Fronasa) hamwe na National Resistance Movement (NRM)".

Fronasa wari umurwi w'inyeshamba washinzwe na Museveni mu mwaka wa 1971, ukaba wifatanije n'iyindi mirwi y'abarwanyi mu gusenyura Idi Amin.

NRM ubu ni umugambwe uri ku butegetsi ukaba washinzwe ufise intumbero y'ukubohoza igihugu.

Sibwo bwa mbere Perezida Museveni arongora ingendo nk'izo.

Ku wa 04 z'uku kwezi, yayoboye abakozi ba leta, abanywanyi b'umugambwe uri ku butegetsi hamwe n'abapolisi mu rugendo rwo kwiyamiriza igiturire rwabereye ku mugwa mukuru.