Perezida Donald Trump ati: aba Démocrates bariyahuye muri politique

Mu gihe abashingamateka bari bakoranye kugira bamubogoze,, Trump wewe yari mw'ikoraniro mu ntara ya Michigan

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu gihe abashingamateka bari bakoranye kugira bamubogoze,, Trump wewe yari mw'ikoraniro mu ntara ya Michigan

"Nta kosa na rimwe twakoze"

Iryo jambo Perezida Donald Trump yarisubiyemwo incuro zitatu ejo ku wa gatatu mu gihe abashingamateka bariko bemeza ko abogozwa.

Yaraye abaye umu perezida agize gatatu yemejwe ko akurwa mu mateka y'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Mu gihe abashingamateka bari bakoranye nijoro, wewe yari mw'ikoraniro mu gisagara ca Battle Creek c'intara ya Michigan, aho yavugiye amajambo kuri iyo ngingo y'inama nshingamateka.

Ati: "Aba Démocrates bariyahuye muri politike", aho akaba afatira ku matora ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na rimwe umwaka uza wa 2020, aho yiteze kwitoza.

Ati: "Jewe nta bwoba binteye".

Inama Nshingamateka (yiganjemwo abo mu mugambwe w'aba Démocrates) yemeje ko Bwana Trump abogozwa ku makosa abiri y'ugukoresha ubutegetsi afise ku nyungu ziwe, n'ukugerageza kuburagiza inama nshingamateka.

Amaze kumenya ibivuye mu matora, yavuze ati: "Akarwi k'intagondwa mu nama nshingamateka karajwe ishinga n'umwina, urwanko n'inzigo, raba ibiriko biraba. Aba bantu nta bwenge bafise".

Aba perezida babiri gusa nibo bari bamaze guhura n'ivyemezo vyo kubabogoza muri kahise ka Amerika, abo nabo ni Andrew Johnson mu 1868, hamwe na Bill Clinton mu 1998.

Trump avuga ko Inama nshingamateka "iriko igerageza gufuta amajwi y'amamiliyoni mirongo y'Abanyamerika bakunda igihugu", akaba yagumye avuga ko ingingo yo gushaka kumubogoza iteye kubiri n'amategeko.

Ari imbere y'abakunzi biwe, Trump yasubiyemwo kenshi ko ata kosa afise

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ari imbere y'abakunzi biwe, Trump yasubiyemwo kenshi ko ata kosa afise

Ati: "Ni ikintu batesheje agaciro (…) kuko uwo ari we wese abaye umukuru w'igihugu afise guterefona bigaca bituma abogozwa…ni ikintu abatuboneye izuba badashaka ko kiba".

Iyo ngingo y'ugushaka kubogozwa yaje inyuma y'amatohoza yerekana ko Bwana Trump yashatse gufatira ku mfashanyo ya gisirikare Amerika yashaka guha igihugu ca Ukraine.

Yagirizwa ko yafatiye kuri iyo mfashanyo mu gusaba ico gihugu ngo gikore amatohoza kuri Joe Biden, ari mu barongoye umugambwe w'aba Démocrates, aboneka ko ashobora guhangana nawe mu matora ya 2020.

Inyanduruko ikaba ari umwe mu bategetsi b'urwego rw'igendereza atavuzwe izina, yanditse ikete yerekana amakenga yari afise ku kiganiro Bwana Trump yagiranye kuri telephone na Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine ku wa 25 z'ukwezi kw'indwi.

Urwandiko rw'ico kiyago cabo rwerekana ko Trump yasavye ashimitse Bwana Zelensky gukora amatohoza kuri Joe Biden n'umuhungu wiwe Hunter Biden.

Kuri iki kirego hiyongerako y'uko ibiro vy'umukuru w'igihugu vya Amerika vyanse gukorana n'abashingamateka mu matohoza yari agamije kumubogoza, ari naho havuye ikirego ko yaburabuje Inama nshingamateka.

Trump asanzwe akundwa n'abanyagihugu "benshi cane"

Ari imbere y'abakunzi biwe, Bwana Trump yarashimangiye ko abandanya akundwa cane kandi ko ashigikiwe n'umugambwe wiwe "ku rugero rutari bwaboneke".

Ati: "Ni nk'uko ata muntu ariko aramburanya. Igihugu kimeze neza cane gusumba uko cahora".

Abakunzi biwe bari bakoraniye mu gisagara ca Battle Creek baririmvye indirimbo ziyamiriza Nancy Pelosi, umukuru w'inama nshingamateka yahagarariye ibikorwa vy'ugushaka kumubogoza.

Ku wa kabiri, Perezida Trump yandikiye Pelosi ikete ririmwo uburakari, amwagiriza ko yatanguje "intambara yenyuje ku ntwaro rusangi ya Amerika".

Aba Démocrates bavuze ko iryo kete "riteye isoni".