Abashingamateka ba Bulaya basaba irekurwa ry'abamenyeshamakuru b'ikinyamakuru Iwacu

Ahavuye isanamu, IWACU-BURUNDI.ORG
Hari abashingamateka ba Bulaya bandikiye umushikiranganji w'ubutungane w'u Burundi bamusaba kurekura abamenyeshamakuru b'ikinyamakuru Iwacu bapfunzwe.
Térence Mpozenzi, Agnès Ndirubusa, Egide Harerimana, Christine Kamikazi barapfunzwe kuva ku wa 26 z'ukwezi kw'icumi bagirizwa "kugira uruhara mw'ihungabanywa ry'umutekano w'igihugu".
Bafashwe mu gihe bariko bakurikirana igitero c'abitwaje ibirwanisho mu ntara ya Bubanza cabaye ku wa 22 z'ukwezi kw'icumi.
Ku wa 20/11 Sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura yafashe ingingo yo kubandanya ipfunze abo bamenyeshamakuru.
Mu kwezi guheze, Umushikirizamanza mukuru wa Repubulika y'u Burundi yatangaje ko abo bamenyeshamakuru badapfunzwe kubera umwuga wabo ahubwo kubera ivyaha bagirizwa.
Abo bashingamateka ba Bulaya bamenyesha ko abamenyeshamakuru badategerezwa gufatwa nk'inkozi z'ikibi kubera bashitse ahariko habera imidugararo mu ntumbero y'ukumenya ukuri.
Muri iryo kete ryanditswe n'abashingamateka 38 bari mu nama nshingamateka ya Bulaya, bamenyesha umushikiranganji Aimée Laurentine Kanyana ko batewe impungenge n'uko abo bamenyeshamakuru babandanya bapfunzwe, bahorwa igikorwa cabo co kurondera amakuru.
Ibiro vy'umwe mu bariteyeko igikumu vyemereye BBC ko iryo kete ari iry'aba bashingamateka.
BBC ntirashobora kuvugana n'ubushikiranganji bw'ubutungane w'u Burundi kuri iri kete.
Aba bashingamateka bibutsa ko ari uburenganzira bw'abamenyeshamakuru kurondera n'ukumenyesha abanyagihugu ibijanye n'ubuzima bw'igihugu.
Bavuga ko ipfungwa ryabo rishobora gutuma abamenyeshamakuru badashobora gushikiriza amakuru ajanye n'ibibazo nkoramutima.

Ahavuye isanamu, Iwacu
Muri ivyo bavuga ivyerekeye imirwi yitwaje ibirwanisho, ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu canke ihotorerwa rishingiye ku vyiyumviro vya politike.
Bibutsa ko ibwirizwashingiro ry'u Burundi riha Abarundi uburenganzira bw'ugushikiriza ivyiyumviro vyabo, harimwo n'uburenganzira bw'ukumenyesha amakuru.
"Kuri ivyo, ipfungwa ryabo rirateye amakenga kandi riteye kubiri n'ivyo u Burundi bwiyemeje mw'ibwirizwashingiro n'amasezerano mpuzamakungu".
Basaba ko ikibazo cabo cosubirwamwo, bakarekurwa ata kirinze gusabwa, kandi bakareka abamenyeshamakuru bagakora umwuga wabo badatinya gufatwa canke gukubagurwa.










