Mali: Abasoda 13 b’Abafaransa baguye mu mpanuka za kajugujugu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Ubufaransa bitangaza ko abasirikare 13 bahitanywe n'isanganya rya kajugujugu zibiri mu bitero vyariko bikorwa ku barwanyi bagendera kuvyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu .
Itangazo ryasohowe n'ivyo biro rivuga ko iryo sanganya ryabaye ku mugoroba wa nijoro ku wa mbere.
Perezida Emmanuel Macron w'ico gihugu avuga ko "yababajwe cane" n'iryo sanganya.
Aciye ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Bwana Macron yanditse ati: "Izo ncungu 13 zari zirajwe ishinga n'intumbero imwe gusa: kudukingira. Mfatanije umubabaro n'incuti n'abagenzi babo".
Mu 2013, Ubufaransa bwarungitse ibihumbi vy'abasirikare muri Mali inyuma y'aho abarwanyi bagendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu bigaruriye igice kitari gito c'uburaruko bw'ico gihugu.
Igisirikare ca Mali carisubije ico gice ariko imvururu zirabandanya, mbere zikaba zaratandukiriye n'ibindi bihugu muri ako karere.
Abasirikare 4500 b'abafaransa nibo barungitswe gufasha ingabo z'ibihugu vya Mali, Mauritania, Niger, Burkina Faso na Tchad mu kurwanya abo barwanyi.
Icateye iryo sanganya ryo ku wa mbere ntikiratomoka, ariko amakuru atangwa n'ubushikiranganji bw'ukwivuna abansi bw'Ubufaransa yashikiriye itororokanirizo ry'amakuru AFP avuga ko ari kajugujuru zibiri zagonyanye.
Mu ntango za kuno kwezi, hari uwundi musirikare w'Ubufaransa, Brigadier Ronan Pointeau, yahitanywe n'igisasu caturikiye hafi y'imodoka yiwe.
Isanganya ry'ejo ku wa mbere niryo rya mbere rinini rihekuye Ubufaransa kuva bugiye gufasha igihugu ca Mali.
Abasirikare 38 b'abafaransa nibo bamaze kwicwa muri Mali kuva mu 2013.










