Urwaruka rw'i Bujumbura mu Burundi rwifatanije n'abandi mw'isekeza ryo gukingira isi

Uraruko ruriko rurasukura umucanga w'ikiyaga Tanganyika

Ahavuye isanamu, Marlaine Shima

Insiguro y'isanamu, I Bujumbura bahuriye kuri Tanganiya basukura umucafu uri ku mucanga

Mu gihe hirya no hino kw'isi urwaruka ruri mu mashure yisumbuye rwateguye imyiyerekano yo gusaba ko isi igarukirwa mu gukingira ibidukikije, i Bujumbura nabo ntibatanzwe.

Iyo myiyerekano hirya no niho kw'isi yaranzwe n'ingendo zitabwe n'amajana y'abantu mu miji itandukanye nka Berlin na Merlbourne.

Habaye kandi imyiyerekano isanzwe mu bihugu vyo mu mazinga ya Pacifique aheruka gukorwako n'imyuzure, canke muri Senegal hageramiwe n'ubugaragwa.

Biyemeje ko bazobandanya iki gikorwa

Ahavuye isanamu, Marlaine Shima

Insiguro y'isanamu, Biyemeje ko bazobandanya iki gikorwa

Benshi mu bakiri bato bagiye muri iki gikorwa mpuzamakungu bahawe ingoga n'umwana wo muri Swede w'imyaka 16, Greta Thungberg, bakaba bari mu muji wa New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Greta Thunberg ubu aramaze kuba rurangiranwa mu kurwana ku bidukikije, akaba akora ibikorwa bivugwa hose kw'isi, nk'ukuntu yashitse New York agiye n'ubwato butoyi akamara indwi zibiri.

Mu Burundi vyagenze gute?

Umwigeme Marlaine Shima ari mu bateguye ico gikorwa yabwiye BBC yuko amaze kwumva ivyateguwe uno munsi bihamagajwe n'umwigeme Thungberg, yaciye agira iciyumviro co gutegura ikintu.

Akoresheje urubuga hwaniro rwa WhatsApp, yarungitse ubutumwa buhamagarira urwaruka kwitabira iki gikorwa uno munsi.

Ubwo butumwa bwarahanahanywe, uno munsi abasore n'inkumi bashika 35 bahurira ku nkengero z'ikiyaga Tanganiya i Bujumbura bakora igikorwa co kuhasukura.

Yavuze kandi ko naho bobo barengeje imyaka 18, babikoze kugira bereke akarorero batoyi babo.

Marlaine yavuze ko vyabahimbaye cane kuko benshi bahuye batazinanye, baca bafata ingingo y'uko bazobandanya igikorwa nk'ico.

Ayandi masanamu y'igikorwa cabo

Urwaruko ruriko rurasukura umucanga w'ikiyaga Tanganyika

Ahavuye isanamu, Marlaine Shima

Urwaruko ruriko rurasukura umucanga w'ikiyaga Tanganyika

Ahavuye isanamu, Marlaine Shima

Urwaruko ruriko rurasukura umucanga w'ikiyaga Tanganyika

Ahavuye isanamu, Marlaine Shima

Urwaruko ruriko rurasukura umucanga w'ikiyaga Tanganyika

Ahavuye isanamu, Marlaine Shima