Umunyamakuru Eric Kabendera yoba yatawe muri yompi?

#FreeKabendera akajambo kakoreshejwe kenshi kuri twitter muri Tanzania

Ahavuye isanamu, THRDC

Eric Kabendera, asanzwe yandikira ibinyamakuru mpuzamakungu bitandukanye, birimwo 'The Guardian' co mu Bwongereza.

Yafatiwe muhira iwe i Dar Es Salam n'abantu batandatu, ku munsi wa mbere.

Ababibonye bavuga ko yabanje kwakwa terefone yiwe, n'iyo umugore wiwe.

N'abari aho igihe yafatwa bagafata n'amasanamu, baratswe terefone zabo nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru 'The Citizen'.

Amakuru ya mbere yamenyesha ko yoba yanyurujwe.

N'aho ubutegetsi ataco buravuga ku ifatwa ryiwe, hari amakuru aturuka mu gipolisi amenyesha ko ariko arahatwa ibibazo.

John Magufuri

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ubutegetsi bwa John Magufuri ntibworoheye itangazamakuru

Umugwi ujejwe gukingira abanyamakuru -CPJ umenyesha ko ifatwa ryiwe ari ikindi kimenyetso kije gushimangira ko ubutegetsi bwa perezida John Magufuri bubangamiye itangamakuru.

Kumbuga za twitter muri Tanzania hakomeje kuboneka intsindagirajambo #FreeKabendera.

Abandika barasaba ko yorekurwa, bibutsa ivyashikiye abandi banyamakuru nka Azory Gwanda yagiye ntasubire kuboneka mu 2017, atwawe n'abantu batameneykanye.

Kuva afashe ubutegetsi mu 2015, amategeko agenga itangazamakuru yarakajijwe cane, ibinyamakuru n'amaradiyo biragahagarikwa.