Muri Nigeria baribaza ingene umugabo yageze kw'ibaba ry'indege

Abajejwe ivy'indege mu gihugu ca Nigeria bariko baratohoza ingene umugabo atamenyekanye yashoboye kwurira ku baba ry'indege igire ifate ikirere.
Ivyo vyabereye ku kibuga c'indege ca Murtala Muhammed mu muji wa Lagos kuwa gatanu.
Video yafashwe n'umwe mu ngenzi yari muri iyo ndege yerekana izindi ngenzi zagize ubwoba zisaba kwururuka mu gihe uwo mugabo yariko agendagenda ku mababa y'iyo ndege y'ikompanyi Azman Air.
Umudereva yaciye abimenyesha abajejwe umutekano baca bafata uwo mugabo, nk'uko vyavuzwe mu rwandiko n'umuvugizi w'ibibuga vy'indege muri Nigeria, Henriatta Yakubu.
Madamu Yakubu yavuze ko gushika ubu itohoza rikibandanya.
Iyo ndege yari igiye mu muji wa Port Hacourt yahavuye ihabwa uruhusha rwo kuguruka imaze kugendurwa cane.






