Trump avuga ko adashigikiye uruvyino rw'abanywanyi biwe ngo ‘musubize iwabo’’

Ahavuye isanamu, Reuters
Perezida Donald Trump ariyamiriza imvyino zavuga ngo "musubize iwabo" zaririmbwa n'abakunzi biwe mw'ikoraniro yari aremesheje, mu gutyoza umushingamateka Ilhan Omar wo mu mugambwe w'aba Democrates.
Umupfasoni Omar ni umunyamerika w'umwimukira yavuye muri Somalia ari kumwe n'umuryango wiwe igihe bahunga intambara zarangwa mu gihugu cabo.
Bwana Trump ati: "Ntivyandyoheye. Ndavyiyamirije".
Hagati aho, ntiyasiguye ivyo bintu bitamuryoheye.
Yabwiye abamenyeshamakuru ati: "Zari imvyino gusa kandi numvise zitanezereje. Natanguye mvuga nihuta nazo zica ziratangura ningoga, nk'uko mwoba mwabibonye".
Izo mvyino zitakiriwe neza zaririmbwe mu gihe c'ikoraniro ryari ryatunganijwe na Bwana Trump muri leta ya Carolina y'uburaruko.
Bwana Trump yashimagijwe n'isinzi ry'abantu aho yongera kwagiriza umupfasoni Omar n'abashingamateka bagenziwe, Alexandria Ocasio-Cortez, Rashia Tlaib, Ayanna Pressley - bazwi "nk'akarwi"- ko banka Amerika.
Imbere y'iryo koraniro, integuro y'ukubogoza Bwana Trump yari yahagaritswe mu nama nshingamateka.
Abamunegura bavuga ivyo vyibutsa amajambo yavugwa n'abanywanyi biwe ngo "Mupfunge", mu gutyoza Hillary Clinton mu matora y'umukuru w'ico gihugu ya 2016.
Urwo ruvyino ruje mu gihe hari ukutumvikana gukomeye hagati y'umukuru w'igihugu n'abo bashingamateka bane b'abagore.
Impari zavuye ku butumwa bwa Twitter bwa Bwana Trump yanditse abwira abo banyepolitike bane ko "bosubira" mu bihugu vyabo.

Ahavuye isanamu, Reuters
Umupfasoni Omar yabwiye abamenyeshamakuru ku wa kane ati : "Umuntu uwo ari we wese ari muri kino gihugu, ariko arondera iteka ry'ukuba umunyamerika, aratahura neza ko ibivugwa n'uyu mukuru w'igihugu atagaciro bifise".
"Mu gihe ariko akwiragiza ivyiyumviro vyiwe vy'amacakubiri, abwira abanyamerika ngo basubire iwabo kubera batemera politike yiwe mbi ku gihugu cacu, tubwira abantu ko hano muri Amerika twakiriza yompi ivyiyumviro bitandukanye".
Izo ndirimbo, zaririmbwe inyuma y'aho Bwana Trump yifatiye mu gahanga umupfasoni Omar n'abandi bashingamateka batatu b'abagore, zariyamirijwe cane, mbere mu baziyamiriza hakaba harimwo n'abo mu mugambwe wiwe w'aba Repubulika.
Ku ruhande rwiwe, Bwana Trump wewe abona ko inzira ico kibazo cafashe imuha intsinzi.
Mu kiganiro n'ikinyamakuru Daily Mail imbere y'ikoraniro ryo muri Carolina, Bwana Trump yavuze ko atababazwa n'isura ico kibazo cafashe, avuga ko ariko atsinda "urugamba rwa politike ...cane mbere".










