Hari ibifungurwa bishobora kugabanya imyaka yawe yo kubaho n'ukukwononera amagara

OK

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Urazi ibigize ivyo ufungura ?

Urashobora kuvuga ubudasa buri hagati y'ibifungurwa bihingurwa buke buke n'ibindi vyaciye mu mahinguriro cane? Burya birateye ikibazo?

Ijambo 'guhingura ibifungurwa' rifise insiguro mbi muri iki gihe ca vuba, hari ivyigwa vyakozwe mu Bufaransa no muri Espagne vyerekana ko izo mfungurwa ataco zongera mu mubiri kandi zituma umuntu agabanya igihe co kubaho.

Ubwo bushakashatsi bwerekanye ko abantu barya ibifungurwa bitegurigwa mu mahinguriro incuro zine ku musi mu kiringo c'imyaka cumi bafise impungenge zo gupha zigera kuri mirongo itandatu na kabiri kw'ijana ugereranije n'abandi bafungura agace kamwe canke dukeyi ku musi.

Izindi ngaruka mbi z'ibifungurwa bitekeye bikorerwa mu mahinguriro ni urugero runini rwo kugwara umutima canke uguhagara kw'umutima canke isanganya ry'udutsi dusoza ubwenge bivuye ku ngwara y'umurindi w'amaraso urenze.

Naho biruko, mu bihugu bimwe nk'Ubwongereza, abanyagihugu baronka ivyunyunyu birenga mirongo itanu kw'ijana biva ku bifungurwa bikorerwa mu mahinguriro.

None twomenya gute ibifungurwa biteye ubwoba tugaheza tukamenya gafungura neza?

Imigwi

Biragoye kumenya ibibigize rimwe na rimwe: Ibifungurwa nk'umukate n'iforomaje vyose bifatwa ko bitegurigwa mu mahinguriro ariko ntibitanga impanuka zimwe ku buzima.

Igisata kijejwe amagara y'abantu muri Kaminuza ya Sao Paulo muri Bresile gishira ibifungurwa mu migwi ine.

Iyi migwi iva ku bifungurwa bidahingurwa gushika ku bihingurwa cane.

Umugwi wa mbere: Ibidahingurwa na gato n'ibindi bihingurwa buke buke.

Umukenyezi ariko adandaza ivyamwa n'imbogaboga muri Aziya.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukenyezi ariko adandaza ivyamwa n'imbogaboga muri Aziya.

Uyu mugwi ugizwe n'ibifungurwa bidahingurwa na gato canke bihingurwa buke buke imbere yo gufungurwa, bigizwe n'ingaburo nk'amavitamine, ivyorosha mu nda n'ivyunyunyu.

Uyu mugwi ugizwe n'ivyamwa bihiye, ibibogaboga, ibiyoba, intete, ibiharage, n'ibindi bifungurwa biva mu bikoko nk'amagi, amafi n'amata.

Ibifungurwa vyahinduwe gatoyi bishobora kuba vyumye, vyoroshe cane , bishuhije buke buke , bikanye canke ariko bitarimwo ibirungo.

Murivyo harimwo kandi ivyamwa n'ibibogaboga bibisi, ifi mbisi n'amata akanye bizwi neza ko bitagiramwo isukari, amata, ipiripiri hamwe n'ibiboga vyumye.

Umugwi wa kabiri: Ibifungurwa bitekanywe ibirungo

Amacupa arimwo umuvinyu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Amacupa arimwo umuvinyu

Ibifungurwa bitekeshejwe ibirungo harimwo amavuta, ayavyibusha nk'ayinka, vinegeri, isukari n'umunyu.

Ntibivuga ko ibifungurwa nk'ivyo biribwa ukwavyo canke ari vyinshi cane, ariko kenshi biriribwa mu mugwi w'ibindi bifungurwa.

Umugwi wa gatatu: Ibihingurwa.

Ifi yokeje muri Thailande

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ifi yokeje muri Thailande

Ibifungurwa bihingurwa bigizwe kenshi n'umugwi wongerwamwo ikirungo kimwe canke bibiri.

Murivyo harimwo ibibabugwa nk'inyama y'impene, ingurube, umukate, ibiyoba birimwo umunyu canke isukari, ivyamwa birimwo inzoga cankeumuvinyu.

Intumbero nyamukuru yo guhingura ibifungurwa ni kwongereza ikiringo bishobora kumara canke gukomeza akanovera cavyo.

Umugwi wa kane: Ibifungurwa bihingurwa cane.

Sweet and salty snacks

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ibifungurwa bihingurwa cane kenshi na kenshi birimwo ibirungo utoshobora kwongeramwo uri muhira uriko urabitegura.

Ntushobora kubimenya amazina yavyo kubera birimwo ubumara, biriko amabara, ubusose canke ibindi bibikingira.

Vyinshi mu bifungurwa bihingurwa cane biribwa n'abantu baba mu mu bihugu bitunze cane kw'isi ni:

  • imikate ikorerwa mu mahinguriro
  • ibifungurwa bitegugwa cane bikabikwa mu bintu
  • ibifungurwa bigizwe n'intete biribwa mu gitondo
  • ibisuguti
  • udukate duto duto na keke
  • ifiriti zihingurwa
  • inzoga itaborera, inzoga yoroshe ikozwe mu vyamwa
  • ifiriti zumye kandi zirimwo umunyu
  • isose ikozwe mu nyama n'ibibogaboga
  • ibifungurwa vyabitswe mu kintu birimwo isupu n'inyama
  • ibifungurwa bisubirizwa inyama
  • ibiva mw'isoja
  • ibisubirira amata.

Uburyo bwo kumenya ko igifungurwa cahinguwe cane

Imikate itandukanye

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Imikate itandukanye

Igihe cose raba inyandiko ziri ku gifungurwa: ibirungo bitandukanye na cane cane mugihe ibintu bikoreshwa mu mahinguriro akora ibifungurwa ategerezwa kwandika ko ibifungurwa vyahinguwe cane.

Urwo rwandiko rushobora kubako ibirungo vyakoreshejwe birenga nka bitanu, nk'uko bivugwa n'umwigisha wa Kaminuza Maira Bes-Rastrollo, ari mu bakoze ico cigwa.

Ibirungo bitaboneka bishobora kuba bihindura akanovera k'ico gifungurwa. Vyinshi murivyo nta ngorane bitera ariko biravugwa ko bifise ingaruka mbi.

Ni ukuraba neza ivyanditseko ko vyerekana urugero rw'ivyunyunyu bivyibusha, isukari, ko umunyu ari mwinshi, ugereranye canke ari mukeyi.

Iyi nkuru yateguwe n'igisata ca BBC kijejwe ivy'ibifungurwa.