Umupasitori aregwa gusambanya umukenyezi ku nguvu muri Nigeria yatanze imihoho mu mabanga yo kurongora ishengero.

Abagore bari mu myiyerekano basabira ubutungane umukenyezi Dakolo muri Nigeria

Ahavuye isanamu, BBC Sport

Uyo mupastori asayangana , Biodun Fatoyinbo yari amaze imisi avugwa mu makuru iyi misi itatu iheze, inyuma yaho umukenyezi azwi cane mu gufata amafoto amwagiririje ko yamusambanije ku nguvu incuro zibiri imbere y'uko ashikana imyaka cumi n'umunani, haheze imyaka irenga cumi.

Uyo mu pastori w'ishengero bita COZA rikundwa cane mu gisagara Abuja yanditse ku rubuga ngurukana bumenyi rwa Instagram kuri uyu musi wa mbere ko yatanze imihoho mu mabanga yiwe kubera iyo nkuru yavuzwe cane.

Hari abari bakoze imyiyerekano mu mpera z'iyindwi mu bisagara bikuru bibiri vy'igihugu ca Nigeria arivyo Lagos na Abuja.

Basabira ubutungane Busola Dakolo inyuma yaho amasanamu y'uwo mukenyezi akwiragirijwe cane ku mbuga ngurukana bumenyi , avuga ko uyo mupastori yamusambanije ku nguvu.

Uyo mu pastori wewe arabihakana.

Igipolisi camenyesheje ko kitaramenya ibirego umukenyezi Dakolo yagirije uyo mu pastori kandi ko ata muntu n'umwe arashikana ibirego nk'ivyo imbere y'ababijejwe.

Igihugu ca Nigeria gifise abapastori benshi b'amasengero yemera Kristu y'abapentekoti, bamwe mu bapastori bakunze kwagirizwa kugira inyifato itabereye.