Perezida Trump ariyamiriza ijambo 'ry’ ubujuju n’ibitutsi' rya Perezida Rouhani wa Irani

Trump (ibubamfu) avuga ko itangazo rya Rouhani (iburyo) ari iry'"ubujuju n'ibitutsi"

Ahavuye isanamu, AFP/EPA

Insiguro y'isanamu, Trump (ibubamfu) avuga ko itangazo rya Rouhani (iburyo) ari iry'"ubujuju n'ibitutsi"

Perezida Donald Trump wa Amerika ariyamiriza ico yise "itangazo ry'ubujuju n'ibitutsi" ryasohowe na Irani inyuma y'aho atangarije ibindi bihano kuri ico gihugu co mu burasirazuba bwo hagati.

Bwana Trump yiyamirije ayo majambo aciye ku rubuga rwa Twitter, inyuma y'aho Perezida wa Irani Hassan Rouhani amenyeshereje ko iyo ngingo yerekana ko abakora mu biro vya Maison Blanche (White House) "bafise ingorane zo mu mutwe".

Bwana Trump avuga ko ayo majambo yerekana ko abategetsi ba Irani "badatahura ukuri".

Yatangaje ivyo bihano ku munsi wa mbere, avuga ko vyari inyishu ku "nyifato y'agasotoro" yerekanywe na Irani.

Ivyo bihano vyafatiwe abantu batari bake, cane cane umutegetsi w'ikirenga, Ayatollah Ali Khamenei, yagirizwa na Trump ko ariwe "atuma ubutegetsi bwa Irani bugira inyifato itabereye".

Amerika ivuga ko Ayatollah Ali Khamenei afise amatungo menshi afasha mu guhemba abasirikare bo mu murwi karuhariwe w'igisirikare ca Irani wa Islamic Revolution Guard Corps (IRCG).

Ku ruhande rwiwe, Bwana Rouhani ntatahura igituma Amerika ifatira ibihano umuntu umwe gusa avuga ko yifitiye "inzu isanzwe n'ikibanza c'ugusengeramwo", akavuga ko ivyo bihano "biteye isoni kandi bifatiye ku bujuju".

Avuga kandi ko Amerika ibesha iyo iriko ivuga ko yipfuza ibiganiro.

Ariko Bwana Trump avuga ko Irani izi neza ko gushika ubu Amerika ariyo ya mbere ikomeye gisirikare kw'isi.

Donald Trump yateye igikumu kw'itegeko ry'ugufatira ibihano bishasha Irani ku munsi wa mbere

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Donald Trump yateye igikumu kw'itegeko ry'ugufatira ibihano bishasha Irani ku munsi wa mbere

Yongeyeko ati: "Igitero ico ari co cose ca Irani ku nyungu za Amerika kizokwishurwa hakoreshejwe inguvu nyinshi kandi zirenze".

"Rimwe na rimwe, inguvu zirenze bishobora kuvuga ko igihugu gishobora gufutwa".

Hampande ya Ayatollah Khamenei, hari n'abakuru mu gisirikare bashika umunani, hamwe n'umushikiranganji w'imigenderanire wa Irani, Mohammad Javad Zarif, nabo bashobora gufatirwa ibihano.

Ukutumvikana hagati y'ivyo bihugu vyompi kwatanguye mu kwezi kwa gatanu kw'umwaka uheze wa 2018, igihe Trump yivumbura mu masezerano yo mu mwaka wa 2015 hagati ya Irani n'ibihugu bitandatu vya rutura, ku vyerekeye umugambi wayo w'uguhingura ibirwanisho vy'ubumara.

Ibintu vyagiye kwunyuka kuva mu ndwi ziheze, cane cane kuva aho Irani irasiye indege (drone) ya Amerika mu ndwi iheze, ivuga ko yari yavogereye ikirere cayo, ivyo Amerika yiyamirije ivuga ko drone yayo yari mu kirere mpuzamakungu.

Bwana Trump abandanya avuga ko afise ishaka ryo gutangura ibiganiro na Irani kugira habe ayandi masezerano mashasha yotuma Irani yemera guheba umugambi wayo w'uguhingura ibirwanisho vy'ubumara, be n'ico yise ibikorwa vy' "agakengere" mu karere k'uburasirazuba bwo hagati.

Avuga ati: "Niba batabishaka, naho nyene nta ngorane. Ariko twipfuza ko twoganira. Ariko kandi vy'ukuri, boshaka boza vuba".