Mu bwami bw'Ubwongereza bungutse ikibondo c'umuhungu

Harry na Meghan

Ahavuye isanamu, Reuters

Duchesse w'i Sussex, Meghan, yibarutse umwana w'umuhungu nk'uko vyatangajwe na Duke w'i Sussex ari we Harry.

Umuganwa Harry yavuze ko "banezerewe vy'ikirenga" anashimira abanyagihugu ku kuntu babashigikiye igihe umwana yari acibungenzwe.

Yavuze ko Meghan n'umwana "bameze neza cane", yongerako yuko bakiriko bariyumvira amazina bazoha uwo mwana, yavutse isaha 05:26 ku masaha y'ici mu Bwongereza.

Ikirimba ca Buckingham cavuze ko uwo mwana apima ibiro 3,2 kandi ko Harry ari ho yari ari igihe yavuka.

Ikirimba congeye giti: "Umwamikazi, Duke w'i Edinburgh, Umuganwa w'i Wales, Duchesse w'i Cornwall, Duke na Duchesse b'i Cambridge, Lady Jane Fellowes, Lady Sarah McCorquodale na Earl Spencer bamaze kubimenyeshwa kandi ko banezerejwe cane n'iyo nkuru.

"Nyina wa duchesse, Doria Ragland, yanezerejwe vy'ikirenga n'ivuka ry'uwo mwuzuzkuru wiwe wa mbere, ari kumwe na Banyenicubahiro i Frogmore Cottage."

Harry and Meghan

Ahavuye isanamu, Reuters

Uwo mwana w'umuhungu agira indwi mu bazoshikira ingomba, inyuma y'Umuganwa w'i Wales, Duke wa Cambridge n'abana biwe - Umuganwa George, Umuganwakazi Charlotte hamwe n'Umuganwa Louis - hamwe n'Umuganwa Harry.

Abaye umwuzukuruza agira umunani w'umwamikazi Elizabeth 2.

Aho yavugisha itangazamakuru nyuma y'iryo vuka, Harry yongeyeko yuko uwo mwana "yari yahitiye gato" ngo kandi azogira ico ashikirije mu minsi nk'ibiri kugira abantu bose "babone uwo mwana".