Mu masanamu: Inzu y'umunyatugenegene w'umunye Kenya, Khadambi Asalache

Ahavuye isanamu, National Trust Images/Robin Forster
- Umwanditsi, Inkuru ya Janet Ball
- Igikorwa, BBC Newsday
Imbere y'inzu udashobora kwibazako ikintu kidasanzwe mu bumanuko bwa London hari iragi rihimbaye ry'umugabo adasanzwe.
Imbere mu nzu hapfukiriwe n'ibintu bikoze mu mbaho birimwo ibicapo vyisunga umuco w'Icarabu, Ikinyafrika hamwe n'Icongereza, kandi vyose vyakozwe n'intoke n'uwahoze ari nyene iyo nzu, umwanditsi akaba n'umukozi wa leta, Khadambi Asalache.
Asalache yavukiye muri Kenya, se akaba yari umutware, yiga ivy'inyubako i Nairobi hamwe n'utugenegene i Roma, Geneve na Vienne.
Yaranditse ibitito hamwe n'ibitabo, kandi nyuma yo gukorera BBC Africa igihe gito, yaronse akazi mu kigega c'Ubwongereza.
Mu 1981, yimukiye mu nzu yari igeze aho umwansi ashaka, ku nimero 575 Wandsworth Road.
Ahuye n'ikibazo c'urubobe ku ruhome cananiranye, yaciye afata ingingo yo kuhapfukira, akora kimwe mu bicapo vya mbere. Nyuma y'imyaka mirongo ibiri, yari agikora ico gikorwa.

Ahavuye isanamu, National Trust Images/Robin Forster

Iyi nzu iheruka guhinduka inzu ndangakahise nshasha ya London, irabwa n'ishirahamwe ryishinze kubungabunga ibibanza nk'ivyo, National Trust.
Laura Hussey wo muri iryo shirahamwe yabwiye BBC ati: "Nibaza yuko iyi nzu yerekana vy'ukuri ubushobozi buri mu kwitangira igikorwa kw'umuntu, hamwe n'ico ushobora gushikako wihaye umwanya ugashiramwo n'urukundo."

Ahavuye isanamu, National Trust Images/Cristian Barnett
Ibikoresho vyifashishijwe muri iki gikorwa vyatoraguwe mw'iyarara. Asalache yakoresheje urukero rutoyi mu guha ubuzima bushasha imiryango n'udusandugu vyatawe.

Ahavuye isanamu, National Trust Images/Cristian Barnett
Mu nzu imbere hari ivyibutso vy'ingendo za Asalache...

Ahavuye isanamu, National Trust Images/Robin Forster
... hamwe n'ibimwibutsa ingendo zo hafi yo muhira, mu nyubakwa iberamo inkinamico.

Ahavuye isanamu, BBC/Janet Ball
Hari n'urutororokane rw'ibihinguye mw'ibumba vy'Abongereza.

Ahavuye isanamu, National Trust Images/Cristian Barnett
Asalache yaryamiye ukuboko kw'abagabo mu 2006. Inzu yiwe yayisigiye ishirahamwe National Trust ariko nta nsiguro yasize y'icatumye akora ubwo bugenegene. Rero inyuma yo hanze h'inzu hasanzwe cane kuri nimero 575 ibarabara Wandsworth Road...

... isi idasanzwe ya Khadambi Asalache irabandanya kubaho, irindiriye uwuzoyiha insiguro.

Ahavuye isanamu, Gered Mankowitz
Amasanamu yatanzwe na National Trust hamwe na Janet Ball wo muri BBC.










