Umuririmvyi R Kelly yasubijwe mu gasho mu rubanza rujanye no kurera abana

Ahavuye isanamu, Reuters
Robert Kelly, umuririmvyi w'Umunyamerika w'umuziki wo mu bwoko bwa R&B asanzwe ari mu bibazo, yapfunzwe inyuma y'uko ananiwe gutanga imfashanyo yo kurera abana.
Umucamanza co mu gisagara ca Chicago avuga ko azopfungwa gushika arishe ibihumbi 161 vy'amadolari y'amanyamerika afitiye uwahora ari umutambukanyi wiwe n'abana bafitaniye.
R Kelly ubu afise imyaka 52 y'amavuko, yinjijwe agasho inyuma y'ukwumvirizwa na sentare yo muri Chicago.
Uwumuburanira yavuze ko uyo muririmvyi ari mu bibazo bikomeye vy'amafaranga.
R Kelly yari yiteguye kuriha gushika ku bihumbi 60 vy'amadolari mu yo afitiye uwahora ari umugore wiwe, Andrea Kelly, n'abana batatu bafitaniye, ariko umucamanza yamusavye kuriha amahera yose.
Bitegekanijwe ko uyo muririmvyi asubira kwumvirizwa n'ubutungane ku wa 13 z'uku kwezi kwa gatatu.
Ivyo bibaye inyuma y'aho R Kelly ahakaniye, ashavuye kandi akorora amosozi mu kiganiro kuri televiziyo, ibirego vy'ihohotera rifatiye ku gitsina.
Afise uburakari bwinshi imbere y'umumenyeshamakuru Gayle King wa televiziyo CBS yo muri Amerika, Kelly yarahakanye ivyo yagirizwa, aniyamiriza ivyerekanywe mw'ireresi Surviving R Kelly, vyamwagiriza gufata abagore ku nguvu, kunyegeza amatelefone yabo, kubima n'ivyo bafungura no kubabuza gusubira mu miryango yabo.
Mu kwezi guheze kwa kabiri, R Kelly yaragirijwe ivyaha icumi bikomeye vy'ihohotera rifatiye ku gitsina bivugwa ko yakoreye abantu bane, batatu muri bo bakaba bari abana.
Yarahakanye ivyo yagirizwa vyose hanyuma ararekurwa amaze y'iminsi itatu mu gasho.
Mu gihe yofatwa n'urubanza, ashobora gupfungwa kuva ku myaka itatu gushika ku ndwi kuri buri caha.










