Hillary Clinton ntazoja mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu 2020

Uwuhagarariye aba Democrate mu kwitoza mu bukuru bw'igihugu Hillary Clinton arindiriye gushikiriza ijambo mw'i koraniro kuri Armory itariki 6 ukwezi kwa 11 , 2016 i Manchester , New Hampshire.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Clinton, hari abaziga ko azokwitoza ubugira kabiri mu 2020

Hillary Clinton yahakanye kwitoza ubugira kabiri mu matora y'umukuru w'igihugu ya Amerika yo mu 2020.

Madame Clinton yabwiye television y'i New York ,News 12, ati: ''Sinzokwitoza, ariko nzoguma nkora kandi mvuga kandi mpagararira ivyo nemera''

Igihe yahagararira aba Democrate mu 2016, Madamu Clinton yari yitezwe cane kuba umukuru w'igihugu wa mbere w'umugore wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, imbere y'uko atsindwa na Trump.

Abajijwe na News 12 niba azosubira kwitoza mu kibanza icarico cose muri kazoza, yavuze ati :''Sindavyibaza.''

Muri ico kiganiro nibwo bwa mbere Madamu Clinton akuriye inkoni ku gishitsi abahora bibaza ko azosubira guhiganwa na Trump mu 2020.

Yavuze ko yavuganye na bamwe mu bamaze kumenyesha ko bashaka guhagararira aba Democrates mu 2020. Ati ''Nabwiye umwe umwe wese muri bo, nti ntimwijajare.''

Madame Clinton niwe mugore wa mbere yagenywe n'umugambwe ukomeye muri America kuwuhagararira mu matora y'umukuru w'igihugu muri kahise k'ico gihugu.

Gushika ku ntebe y'umukuru w'igihugu vyasa nk'uko ari ntagisivya, ariko yahuye n'ivyago vyo kwagirizwa ko yakoresheje amafaranga y'abantu bfise , kuba yishinze cane Wall Street akibagirwa abakiri bato.

Ugutsindwa kwiwe kwatumye aba Democrate bafata akanya ko kwisuzuma.

Ubu bariko baritegurira ihiganwa ry'ibanze ryo kurondera uwuzobahagararira , abarenga 10 bakaba bamaze kumenyesha ko bazorijamwo.

Ninde azotsinda mu 2020?

Umukenguzamateka wo muri Vermont akaba yari no mu bitoza mw'ihiganwa ry'ibanze mu ba Democrate mu 2016, Bernie Sanders niwe wa vuba aherutse kumenyesha ko yinjiye mu kibuga c'ihiganwa. Kandi aza mu bari imbere.

Asanzeyo umukenguzamateka wa Massachusetts Elizabeth Warren, ari nawe wa mbere akomeye yamenyesheje ko azokwitoza, hamwe n'abakenguzamateka ba New Jersey Cory Booker na California Kamala Harris.

Hari kandi abakenguzamateka ba New York Kirsten Gillibrand; New Jersey Cory Booker; Minnesota Amy Klobuchar; umukuru w'igisagara ca San Antonio, co muri Texas, Julian Castro; n'umukuru w'igisagara ca South Bend, co muri Indiana, Pete Buttigieg, asanzwe ariwe muntu wa mbere yemanze ku mugaragaro ko ari umu gay(umutinganyi) agiye mw'ihiganwa ry'umukuru w'igihugu.

Ariko hari n'abandi benshi bavugwa cane ariko bataratangaza imigambi yabo. Uwahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu , Joe Biden, aribaza kuja mw'ishiganwa.

Azwi neza cane mu gihugu, abaraba ibintu n'ibinndi bakabona ko abandi yobaha ku minwe hamwe yoramuka yinjiye mw'ihiganwa.

Hari na Boto O'Rourke, yahoze ari umukenguzamateka yamenyekanye mu guhiganwa bikomeye mu buryo butari bwitezwe n'umukenguzamateka w'umu Republicain Ted Cruz. Abamushigikiye baguma barindiriye mu gihe akiriko arapima amahirwe yiwe. ,