Umurwi ujejwe amatora muri Nigeria watangaje ko Perezida Muhammadu Buhari yasubiye gutorwa

Ahavuye isanamu, Reuters
Umurwi ujejwe amatora mu gihugu ca Nigeria wamenyesheje ko Perezida Muhammadu Buhari yasubiye gutorwa kugira ngo arongore ico gihugu mu kindi kiringo c'imyaka ine.
Bwana Buhari w'imyaka 76 y'amavuko yarushije uwo bahiganwa vya hafi Atiku Abubakar - yigeze kuba icegera c'umukuru w'igihugu - amajwi agera hafi imiliyoni zine.
Bwana Abubakar wo mu mugambwe People's Democratic Party (PDP) yahakanye ibiharuro vyatangajwe muri ayo matora yitabwe n'abantu bangana n'ibice 35,6 kw'ijana.
N'aho abarorerezi bigenga atabusuma bavuga ko bwabaye, ayo matora yaranzwe n'umutekano wagiye uhungabana hamwe hamwe be n'ugucererwa.
Umugambwe All Progressives Congress (APC) wa Bwana Buhari watsinze mu ntara 19 kuri 36, mu gihe PDP wowo watsinze mu ntara 17 no ku mugwa mukuru Abuja, nk'uko vyamenyeshejwe n'umurwi ujejwe amatora.
Inyuma y'uko ivyo biharuro bimenyeshejwe, Bwana Buhari yavuze ko ubutegetsi bushasha butegerezwa kwibanda cane cane ku mutekano, kunagura ubutunzi hamwe n'ukurwanya igiturire.

Umugambwe APC waronse amajwi imiliyoni 15,2 nayo PDP uronka amajwi imiliyoni 11,3.
Bamwe mu bashigikiye Bwana Buhari baciye bihereza amabarabara ejo ku wa kabiri bigina iyo ntsinzi.
Bwana Buhari yigeze kuba ari mu gisirikare, yararongoye igihugu ca Nigeria mu kiringo c'amezi 20 mu myaka ya 1980, aca atorwa nk'umukuru w'igihugu mu 2015, gutyo aca aba uwa mbere atsinze umukuru w'igihugu akiri ku butegetsi.

Abarwanya Buhari bavuga ko amateka yari yatumye aronka amajwi mu myaka ine iheze - nk'umuntu yari agumye kandi agoye - vyagiye kuboneka nk'uko ataco vyamaze.
Bamwagiriza ko atwaza umukazo kandi asa n'uwudafata ingingo iyo bikenewe.
N'aho bitaborohera kwerekana ivyo yoba yarakoze mu bindi bisata nk'ukunagura ubutunzi, abamushigikiye bobo bavuga ko yakoze ivyo yari yiyemeje mu gihe yiyamamaza, nk'ukugwanya igiturire n'ukugwanya Boko Haram.










