Kugenyera igitsina c'abagore bikorwa hehe, kubera iki?

Amashi afashe urwembe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uyu mugore w'i Mombasa muri Kenya yerekana urwembe yakoresheje mu gukeba ibihimba vy'irondoka vy'abakobwa

Bikekwa ko abakobwa barenga miliyoni amajana abiri ndetse n'abagore bakiriho, bakeberewe ibihimba vy'irondoka, nk'uko bimenyeshwa n'ishirahamwe ONU

ONU ihamagarira amakungu kuri uno munsi wo kurwanya kwankiriza ibihimba vy'irondoka vy'abagore n'abakobwa, kurandurana n'imizi uwo mugenzo.

Kugenyerwa bishobora guteza ingwara zo ku mubiri no mu mutwe, zishobora kubangamira mu nyuma ubuzima bw'uwabikorewe, nk'uko Bishara Sheik Hamo aturuka mu muryango w'aba Borana, mu gace ka Isiolo muri Kenya abivuga.

Avuga ko yagenyerewe igihe yari afise imyaka 11, abwiwe na inakuru ko uwo mugenzo ari ngombwa ko umukobwa wese awukorerwa, ko ari uburyo bwo kwiyuhagira.

Ariko ico Bishara atari azi, n'uko bizomusigira ingorane yo kuja mu kwezi buri mwanya, kutifata mu gihe ashaka kuja ku mwanda muto, kwama yatewe n'indwara zandukira, no kuvyara ari uko arinze kubagwa.

Ubu yaciye afata ingingo yo gufasha mu rugamba rwo kurwanya uwo mugenzo wo gukebwa ku bakobwa.

Gukebwa ku bakobwa ni iki?

Icapa c'abaharanira kurwnaya igenyerwa ry'abakobwa muri Barcelona

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Unicef igereranya ko abakobwa n'abagore beranga miliyoni 200 bakeberewe ibihimba vy'irondoka muri Afrika, Aziya no mu burasirazuba bwo hagati, ndetse no mu bimukira aho uwo mugenzo urwiriye -nko muri Espagne, abakobwa 18,000 barageramiwe n'uwo mugenzo

Umugenzo wo gukebwa ku bagore, ni igikorwa co kubakurako ibihimba vy'irondoka vy'inyuma ku mubiri, canke igice cavyo.

Ukwo gukebwa nk'uko OMS ibivuga, ni ugukomeretsa canke guhimbura igice ico arico cose c'ibihimba vy'irondoka kandi ata mpamvu z'uburwayi zibitumye.

Omnia Ibrahim, umwanditsi akaba n'umukinyi wa film aturuka mu Misiri, avuga ko uwo mugenzo wo gukeba abakobwa, utuma imigenderanire n'abagabo babo itagenda neza kandi bigahungabanya uko ubwabo biyumva.

Agereranya umuntu yakebwe n'urutare.

Ati: "uba umeze nk'urubura, ntaco wumva ntaco ukunda, ntaco wifuza"

Omnia avuga ko amaze gukura, yagize ingorane mu buzima zifatiye ku kugenyerwa.

Ngo mu kibano bamwigisha ko umubiri ata kindi uvuga atari igitsina, igitsina naco akaba ari igicumuro.

Ku bwiwe ngo umubiri wiwe wari umuvumo.

Ngo yahora yama yibaza ati : "Noba nanka imibonanano mpuzabitsina kubera nigishijwe kuyitinya, canke n'uko ataco nezwe?"

Bishara
Insiguro y'isanamu, Bishara yagiye mu bafasha mu rugamba rwo kurwanya gukeba abakobwa, nawe amaze guhura n' ingorane zo kubikorerwa

Muri Kenya, Bishara yabwiye BBC ko yakebwe ari kumwe n'abandi bakobwa bane,

Yiganye uko yakaswe agira ati: bampfunze igitambara mu maso, bambohera amaboko mu mugongo, batandukanya amatako yanje bakwegera hasi minwa y'igitsina canje.

Inyuma y'akanya gato cane ngo yumvise ububabare buteye ubwoba.

Abandanya agira ati: Navugije induru mbura uwunyumva, ndaboroga, ntera imigere, ariko nkomeza kwumva umuntu anfatiye hasi cane amaguru.

Yavuze ati biteye agahinda, ati "ni kimwe mu bikorwa bisa n'ubuvuzi birimwo umwanda uteye akoba, aho bifashisha igikoresho kimwe kuri twese".

Ngo uburyo bwo kugabanya ububabare yatewe n'ukwo gukatwa ibihimba wari umuti w'ikirundi gusa.

Ati "bimba akanogo mw'ivu bagashiramwo uwo muti, bamboha amaguru nk'intungwa, bantsirita ko uwo muti, hanyuma bavuga ngo zana umukobwa akurikira, zana uwukurikira, bafata uwukurikira..."

N'ubwo kugenyera abakobwa bibujijwe mu bihugu vyinshi, bitakorwa mu bice vyinhsi vya ASfrika no mu burasirazuba bwo hagati, ndetse no mu bimukira bo ku mugabane wa Bulaya bava muri ivyo bihugu.

Hari ubwoko bune bwo gukeba abakobwa

Uburyo bwa 1: bita Clitoridectomy. Ni uguca akarimirimi kose ko hejuru ku gitsina canke igice cako, n'urusato rwo ku ruhande.

Uburyo bwa 2: bita Excision. Ni uguca canke gukuraho ako gace ko hejuru ku gitsina, n'iminwa mito y'imbere y'igitsina canke urusato ruzunguruka urwinjiriro rw' igitsina.

Uburyo bwa 3: Infibulation. Ni uguca canke kwunguruza iminwa mito na mikuru y'igitsina, urusato rwo hanze hagati yayo hamwe rero no kuzibira bagasigaza intoboro nto cane.

Uretse ko bibabaza ku buryo burenze urugero, ibi bishobora gutera ingwara , canke kwugara igitsina bagasigaza agatoboro gato gacamwo umukoyo n'amaraso igihe umukobwa ari mu butinyanka. bituma agira ibibazo mu gihe c' imibonano mpuzabitsina canke kuvyara, bikaba ngobwa kwongera kwagura iyo ntoboro, ibijana n'izindi ngaruka.

Uburyo bwa 4: Ubu buryo burimwo ubundi bwose bubabaza igitsina harimwo gutobora, kwabika ibimeze nk'ihereni, kuvungura canke kwotsa n'imbugita ishushe, agace k'akarimirimi ko hejuru ku gitsina canke ibindi bihimba vyaco vyo hanze.

Kuki bakeba abakobwa?

Kenya 12/06/ 2014, muri Enkorika, Kajiado, 75km uva Nairobi.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bamwe mu bagore b'aba Masai banse ko umugenzo wo gukebwa ukurwaho, batinya ko abakobw ababo batazorongorwa canke baja mu bumaraya

Bimwe mu bituma abantu bemera ko abana babo bakebwa birimwo kurondera kwemerwa mu kibano, idini, kutamenya ivyereye isuku, gukingira umukobwa ngo agumane ubusugi canke gushaka gushimisha uwuzomubera umugabo.

Mu mico ya bamwe bamwe, gukebwa bifatwa nk'ikimenyetso co kuva mu bwana, n'intambwe ntasimbwa imbere yo gushingirwa.

N'ubwo ata kimenyetso c'akarusho bizana ku magara, abakora uwo mugenzo wo gukebwa bemera ko abakobwa batakebwe baba badafise isuku n'amagara meza, kandi ataco bamaze.

Akenshi gukebwa bikorwa ku gahato, kandi abajejwe amagara y'abantu ku rwego mpuzamakungu bemeza ko ari uburyo bw'ihohotera ry'abagore no guhungabanya agateka kabo.

Iyo gukebwa bikozwe ku bakiri abana, naho nyene bifatwa nko kubahohotera.

Gukeba abakobwa bikorwa hehe ?

Ikarata y'ahakorwa umugenzo wo gukebera abagore

Abenshi mu bagore n'abakobwa babajijwe na UNICEF hamwe na OMS, bemeza ko kinazira kuvugira ahabona ivyo bintu, batinya kunegurwa mu kibano, canke ndetse guhamwa.

Niyo mpamvu ibiharuro vyose ari ivyo ingereranyo.

Iyi karata iri hejuru yatunganijwe n'umugambi 'Women Stats Project', wegeranije ubushakashatsi bwakozwe kuri ico kibazo co gukeba abakobwa, harimwo ibiharuro vyavuye muri UNICEF.

ONU igereranya muri 30 ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika, mu burasirazuba bwo hagati, muri Aziya hamwe na Amerika y'epfo bikirimwo iyo ngeso yo gukeba abagore.

Hari n'imigwi y'abimukira baturuka muri ivyo bihugu, baba mu bihugu vya BUlaya, Amerika ya ruguru, Nouvelle Zelande na Australia.

Unicef ivuga ko mu bihugu 24 kuri 29 bikorwamwo uwo mugenzo wo gukeba abakobwa, bifise amategeko abibuza ariko akirengagizwa.

Mu bihugu bikwirikiza amategeko, akenshi abavyeyi bakorera uyo mugenzo mubi abana bakiri impinja ku buryo bitamenyekana kuko badashobora kurega.

Mu Bwongereza hari umugore aheruka kuba umuntu wa mbere ahamwe n'icaha co gukeba igitsina c'umwana wiwe w'imyaka itatu.

Azokatirwa igihano kuwa 08/03/2019.