Nicolás Maduro wa Venezuela agabisha ko hoba intambara yo hagati mu gihugu

Miraflores press office shows Venezuelan President Nicolás Maduro during an event with members of the military, in Turiamo, Venezuela, 3 February 2019

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Nicolás Maduro has retained the support of the Venezuelan military

Umukuru w'igihugu ca Venezuela ageramiwe n'abatavuga rumwe na we avuga ko bishoboka cane ko haduka intambara yo hagati mu gihugu mu gihe adakozwa ivyo gukinjura.

Mu kiganiro yatanze kuri televiziyo yavuze ko umukuru w'igihugu wa Amerika, Donald Trump, azova ku butegetsi "ibiganza biriko amaraso" niyahirahira ikivanga mu vya Venezuela.

Yaniyamirije yivuye inyuma ivyasabwe n'ishirahamwe rya Buraya, vy'uko umunsi wa Mungu utorengana atarategura amatora mashasha.

Umukuru w'abatavuga rumwe na leta, Juan Guaidó, mu kwezi guheze yarigenye we nyene nk'umukuru w'igihugu mfatakibanza kandi Amerika ica iramushigikira.

Kuwa Mungu yavuze ko azoshinga urunani mpuzamakungu ruzoronsa Venezuela imfashanyo, ariko bwana Maduro yamwagirije ko ashaka gutembagaza ubutegetsi.

Maduro yavuze iki?

Mu kiganiro ca televiziyo yo muri Espagne citwa Salvados, caciyeko ejo kuwa Mungu, bwana Maduro yabajijwe niba ikibazo kiri muri Venezuela gishobora kwadukamwo intambara yo hagati mu gihugu.

Yagize ati "kuri ubu nta n'umwe ashobora gutanga inyishu kuri ico kibazo ata gukekeranya".

Abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza Maduro i Caracas, itariki 2 z'ukwa kabiri

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza Maduro biyoberanije mu maso baragaragara mu mabarabara ya Caracas kuwa gatandatu

"Vyose bizova ku rugero rw'ubusazi n'ugusotorana vy'Ubukoroni bwo mu buraruko [Amerika] hamwe n'abanyaburaya bafatanije.

"Dusaba ko hatagira uwivanga mu bibazo vyacu... kandi turiteguriye kurwanira igihugu cacu."

Umukuru w'igihugu Trump yabwiye igitangazamakuru CBS ko gukoresha inguvu za gisirikare biri mu nyishu zishoboka.

Ariko bwana Maduro yagabishije uwo murongozi wa Amerika ko hashobora kuba nk'ivyabaye mu ntambara ya Vietnam niyakoresha inguvu.