Bimwe mu bintu bishegesha cane vyo muri #10YearChallenge? Ibitahindutse mu kiringo c'imyaka 10

Barack Obama ariko ararahirira kuba umukuru w'igihugu.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Wogira ngo ni kera cane ariko mu nzira nyinshi isi iracameze nko mu 2009 igihe Barack Obama yimikwa ubwa mbere nk'umukuru w'igihugu.

Wari he mu myaka 10 iheze? Mu 2009 Michael Jackson yarapfuye. Perezida Barack Obama yarimitswe ku butegetsi hanyuma isi irugarizwa n'ikiza c'ibicurane vy'inyoni.

Abantu irya n'ino kw'isi barahanahanye amafoto yabo y'imyaka icumi iheze n'amajambo ndangankuru #10YearChallenge. Ariko uretse ivyo kuvuga ngo ''oh, numva narashaje cane'', uzoca ubona ko mu nzira nyinshi isi itahindutse cane nk'uko ushobora kuba uvyibaza.

Ndacahari

Hamwe wari kuba uvuye muri koma (coma) umazemwo imyaka 10, mu bihugu biharugwa mu mirongo wosanganirwa n'amasura y'abantu wari usanzwe uzi ku mu minyuro y'ubutegetsi

Vladimir Putin (Uburusiya); Angela Merkel (Ubudagi); Evo Morales (Bolivia); Recep Tayyip Erdoğan (Turkiya); Ilham Aliyev (Azerbaijan); Alexander Lukashenko (Belarus); Pierre Nkurunziza (Burundi); Paul Biya (Cameroon); Benjamin Netanyahu (Israel); Nursultan Nazarbayev (Kazakhstan); Paul Kagame (Rwanda); Bashar Al-Assad (Syria); Gurbanguly Berdimuhamedow (Turkmenistan); Yoweri Museveni (Uganda); Abdelaziz Bouteflika (Algeria); Idriss Déby (Chad); Joseph Kabila (RDC); Denis Sassou Nguesso (Congo); Ismaïl Omar Guelleh (Djibouti); Teodoro Obiang Nguema Mbasogo (Guinee Equatoriale); Isaias Afwerki (Eritrea); Ali Bongo Ondimba (Gabon); Mahmoud Abbas (Palestine); Emomalii Rahmon (Tajikistan); Faure Gnassingbé (Togo); Omar Al-Bashir (Sudan)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Hari uwo umenye? Bandanya hasi urabe bose

Aba barimwo abahatswe gutembagazwa ku butegetsi, abasubiyemwo amabwirizwa nshingiro, abakoze inani zo gusangira ubutegetsi hamwe n'abatsinze amatora asubiwemwo bari ku butegetsi mu myaka cumi iheze n'ubu bakiburiko.

N'ubwo haciye imyaka 10 yabayemwo ibihuhusi vy'impinduka vyinshi mu vya politike kw''isi, abo bo baramase.

Ariko Ubuswisse bwo bwagize aba prezida 10 muri iyi myaka 10 iheze. Ivyo biva kw'ibwirizwa nshingiro ryabwo rishinga ikiringo c'umukuru w'igihugu ku mwaka umwe gusa.

Biracashonga

Ubushuhe bw'isi bwashitse hejuru cane mu 2009 na 2017.

Ahavuye isanamu, NASA

Insiguro y'isanamu, Ubushuhe bw'isi bwagumye bwiyongera mu myaka 10 iheze

Ivy'ubushuhe bwiyongera kubera ibikorwa vy'abantu tumaze nibura ikinjana tubizi.

Ariko inyifato yacu kuri ico kibazo nta kinini yahindutseko.

Ihindagurika ry'ibihe rizobanza gukora ku bakenye no kubababaza kurusha abandi ariko vyatwaye imyaka 21 abategsi b'isi kugira bashike ku nteguro y'amasezerano ya mbere yo guhagarika ingaruka zabwo.

Amasezerano yo mu kwa cumi na kabiri mu mwa uheze COP24 yashizweko umukono muri Pologne niyo ndinganizo ya mbere ifadika y'amategeko ngenderwako ku ma leta kugira atangure kugabanya ivyuka bihumanya ikirere.

Ariko mu myaka 10, nta kinini cakozwe kandi isi yakomeje kuguma ishuha gusumba.

Mu 2009, Nasa yavuze ko ubushuhe kw'isi bwari burengeje degre 0,63 ku ho bwari bugeze hagati ya 1951-1980, mu 2017 bwari bwiyongeye gushika ku ma degre 0,90.

Haracari ubukene

Ikambi y'impunzi n'amagorofa maremare

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Muri rusangi kw'isi, ubudasa hagati y'abatunze n'abakenye bwagumye bwiyongera

Kimwe mu vyahindutse n'uko mu myaka cumi iheze ama kompanyi atunze cane kw'isi yari ayakora mu bitoro n'ama banki.

Urutonde rwo mu 2018 rw'amakompanyi 500 ya mbere atunze cane kw'isi rwerekana ko isoko ryiganziwe n'ibihangange mu buhinga bwa none - nka Apple, Google, Microsoft, Amazon na Tencent.

Icagumye hahandi ariko, n'imanga iri hagati y'abatunze cane n'abakenye cane. Mu vy'ukuri yakomeje kwaguka kuva habaye ingorane z'ubutunzi mu 2008.

Haracari ukutangana

Urugendo rw'abagore rw'i New York mu 2018

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, N'ubwo uguharanira iterambere ry'umugore kwateye imbere, ukungana biracari kure nk'ukwezi

N'aho havugijwe urwamo rwinshi ku kibazo c'uguha ubushobozi abagore mu 2018, mu buzima bwa minsi yose bw'abagore nta kinini kirahinduka.

Ariko hari ibitakimeze kwa kundi. Ego,''upskirting''-gufotora umugore munsi y'ijipo mu mpisho- kwarahavuye kuremerwa nk'icaha mu mategeko y'Ubwongereza.

Ego, Korea y'epfo yarugaye rumwe mu mbuga nini za internet z'ibiterasoni zerekana video z'abagore mu bihe bari gusa bafashwe amasanamu n'ama camera anyegeje.

Ego, Arabia Saudite yaremereye abagore kuja kurorera inkino z'umupira w'amaguru bamwe mbere baranahabwa impusha zo gutwara imodoka.

Ego kandi, abagore mu Buhindi bararushe bararonka uburenganzira bwo kwinjira muri zimwe mu ngoro z'idini zahora zigenewe abagabo gusa.

Ariko abagore baracapfira mu tuzu bashirwamwo ukwa bonyene iyo bari mu butinyanka (mu mihango) canke mu kugenyerwa mu bice bimwe bimwe vya Africa.

Abakobwa baracasambanywa ku nguvu n'ikigwi c'abantu bakanamaramazwa mu Buhindi. Gukorora inda biracashobora kukujana mw'ibohero muri El Salvador. Hanyuma ikibanza ca mbere kibangamye ku bagore kw'isi nzima kiracari mu ngo zabo.

Ukutangana kuracagabanuka ku rugero ruto cane ku buryo World Economic Forum yagereranije mu mwaka uheze ko bizosaba imyaka 202 kugira harangire ubudasa mu mishahara y'abagabo n'abagore.

Abarusimvye:

Umurongo wo hejuru uva i bubamfu uja i buryo: Teodoro Obiang Nguema Mbasogo (Guinee Equatoriale); Emomalii Rahmon (Tajikistan); Isaias Afwerki (Eritrea); Alexander Lukashenko (Belarus); Faure Gnassingbé (Togo); Angela Merkel (Ubudagi); Ilham Aliyev (Azerbaijan); Pierre Nkurunziza (Burundi); Evo Morales (Bolivia).

Umurongo wo hagati uva i bubamfu uja i buryo: Paul Biya (Cameroon); Joseph Kabila (RDC); Benjamin Netanyahu (Israel); Mahmoud Abbas (Palestine); Nursultan Nazarbayev (Kazakhstan); Abdelaziz Bouteflika (Algeria); Paul Kagame (Rwanda); Yoweri Museveni (Uganda); Omar Al-Bashir (Sudan).

Umurongo wo hasi uva i bubamfu uja i buryo: Ali Bongo Ondimba (Gabon); Idriss Déby (Chad); Vladimir Putin (Uburusiya); Denis Sassou Nguesso (Congo); Recep Tayyip Erdoğan (Turkiya ); Ismaïl Omar Guelleh (Djibouti); Bashar Al-Assad (Syria); Gurbanguly Berdimuhamedow (Turkmenistan).