FDLR yemeza ibivugwa n'u Rwanda ko batanye mu mitwe kuwa Mungu uheze

Umugwi FDLR urwanya ubutegetsi bw'u Rwanda wemeza ibivugwa na leta y'u Rwanda ko batanye mu mitwe kuwa Mungu uheze, ngo ariko "kwari ukwivuna".

Umuvugizi wa FDLR yabwiye BBC ko abasirikare b'u Rwanda bari bagiye gutahukana impunzi ku nguvu, abarwanyi ba FDLR baca batana mu mitwe nabo barabakurikirana gushika mu Rwanda.

Ejo kuwa mbere umukuru w'akarere ka Rubavu, Gilbert Habyarimana, yabwiye BBC ko abarwanyi ba FDLR bateye i Busasamana hakomereka umunyagihugu w'Umunyarwanda umwe, hicwa indwi muri abo bateye.

Iki ni ikiganiro umuvugizi wa FDLR, Laforge Fils Bazeye, yagiranye na Prime Ndikumagenge wa BBC.

(Menya neza: Iyi ni imwe mu nkuru zasomwe cane mu mwaka w'2018 tubasubiriyemwo)