Umukandida atavuga rumwe na leta Vital Kamerhe yemeje ko azoshigikira Felix Tshisekede mu mataro ya Prezida wa Kongo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abakandida babiri bakomeye mu batavuga rumwe na leta ya Republika ya Demokrasi ya Kongo batangaje ko biyunze mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu kwezi kuza.
Nyuma y'umubonano bagiriye muri Kenya, Vital Kamerhe yavuze ko azoshigikira Felix Tshisekedi, umuhungu wa Etienne Tshisekedi yaryamiye ukw'abagabo nyuma y'imyaka myinshi atavuga rumwe na leta.
Abo bagabo babiri bari barumvikanye gushigikira umukandi Martin Fayulu, mu kugerageza gutsinda umugabo yashizwe imbere n'umugambwe uri ku butegetsi, Emmanuel Ramazani Shadari.
- Umukuru w'umugambwe UDPS utavuga rumwe na leta ya Kongo, Felix Tshisekedi, yasiguye icatumye areka gushigikira Fayulu
- Ishyaka UDPS ritavuga rumwe na leta ryatangaje ko Kongo 'ititeguye' amatora ya perezida
- Abatavuga rumwe na leta ya Kongo bari mu na muri Suisse ngo batore uwuzobaserukira mu matora ya Prezida
Ababikurikiranira hafi bavuga ko kunanirwa kw'abatavuga rumwe na leta mu kwumvikana ku mukanida umwe, bizoha ingoga umugambwe uri ku butegetsi.
Umukuru w'igihugu Joseph Kabila vyitezwe ko atanga imihoho nyuma y'imyaka hafi cumi n'umunani ku butegetsi.






