Amashirahamwe mpuzamakungu OMS na MONUSCO asaba abagwanyi gufasha kugwanya Ebola muri RD Congo

Abakozi bo mu magara y'abantu bahanganye n'igikorwa co gutuza Ebola hamwe n'umutekano muke

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abakozi bo mu magara y'abantu bahanganye n'igikorwa co gutuza Ebola hamwe n'umutekano muke

Imigwi yitwaje ibigwanisho muri RD Congo iraterwa akamo ko gufasha mu twigoro two kwongereza umutekano mu gihe ico gihugu kiri mu rugamba rwo kugwanya umugera wa Ebola.

Ako kamo n'ako abarongoye amashirahamwe ya OMS rijejwe amagara y'abantu kw'isi hamwe na MONUSCO bagiye kugarukana amahoro muri ico gihugu.

Uwurongoye OMS Tedros Adhanom Ghebreyesus yavuze ko uwo mugera ugeramiye umuntu uwo ari we wese, mu gihe uwushinzwe ingabo za Onu Jean Lacroix yavuze ko Onu yizeye gutorera inyishu ico kibazo c'umutekano, kandi ko ishobora gushira inguvu nyinshi ku gisagara ca Beni, ahagwriye iyo ngwara.

Hari abagwayi ba Ebola barenga 300, abashika 191 bivugwa ko bamaze gupfa mu buseruko bw'ico gihugu, abandi barenga 5.000 bakaba bariko baragenzurwa.

Isekeza ryo kugwanya ikiza Ebola muri RD Congo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Isekeza ryo kugwanya ikiza Ebola muri RD Congo

Ishirahamwe mpuzamakungu Onu ryari riherutse kugabisha ko intambara zibera mu buseruko bwa RD Congo ziburizamwo utwigoro two gutuza ikiza Ebola cahitanye abantu 24 mu ndwi iheze.

Umuvugizi w'umunyamabanga wa Onu, Stephane Dujarric, yavuze ko imigwano yadutse hagati y'imigwi yitwaje ibigwanisho mu karere ka Nord Kivu vyongereje ugushobora gukwiragira k'uwo mugera muri Congo no mu bihugu bibanyi vy'Urwanda na Uganda.

Mw'itangazo ryarungikiwe ibimenyeshamakuru, iryo shirahamwe mpuzamakungu rivuga ko abarirongoye bazokorana itariki 17 z'ukwezi kwa cumi I Geneve.

Hageze aho ico kiza coba kigeze aho gifatwa nk'ibangamiye amagara y'abanyagihugu ku rwego mpuzamakungu, nk'uko vyagenze igihe Ebola yatera mu burengero bwa Afrika mu 2014 hamwe no mu 2016 igihe Zika yatera muri Amerika y'epfo.