Mkapa yategetse ko ibiganiro bibandanya i Arusha n’ubwo reta y'u Burundi itahari

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umufasha w'umuhuza prezida Benjamin William Mkapa yahaye abitavye ibiganiro i Arusha amasaha mirongo ine n'umunani ngo babe bamuhaye ibintu ngenderwako vyotuma amatora yo mu 2020 agenda neza mu Burundi.
Avugira mu nama yategerezwa gutangura ku wa gatatu itariki 24 z'ukwezi kwa cumi mu 2018, Bwana Mkapa yavuze ko ubwa mbere ivyo biganiro vyari gutangura itariki 19 z'ukwezi kwa cumi uyu mwaka, ariko reta y'Uburundi isaba ko vyokwungurizwa ku rindi sango.
Ivyo vyatumye hashingwa itariki nshasha ya 24 z'ukwezi kwa cumi ariko na ho nyene reta isaba ko vyokwungururizwa mu kwezi kwa cumi na rimwe.
Benjamin William Mkapa ati:"Reta y'Uburundi yansavye kwungururiza ivyo biganiro mu kwezi kwa cumi na rimwe, nkabashikiriza urutonde rw'abazitaba ivyo biganiro kandi tukaganira ku rupapuro rw'inzira rwo mu Kayanza gusa. Ivyo ibiro vy'umuhuza ntibishobora kuvyemera."

Bwana Mkapa abandanya avuga ko gushika ubu ata butumwa bararonka bwa reta y'Uburundi bwerekana ko bazitaba ivyo biganiro.
Kubera uko ibintu vyifashe, ibiro vy'umuhuza vyasavye ko abitavye ivyo biganiro bofata urupapuro rw'inzira rwumvikanyweko mu Kayanza n'urwa Entebbe muri Uganda n'aho bizwi ko batavyumvikanako vyose, hanyuma bumvikane ku kungene amatora yo mu 2020 yotunganywa neza.
Umufasha w'umuhuza w'abarundi Mkapa avuga ati:"Nzoca mfatira ku rupapuro rw'inzira rwo mu Kayanza hamwe n'urwo muzoba mumaze kwumvikanako, ndabishire hamwe hanyuma ntange icegeranyo ku muhuza n'inama y'akarere k'ubuseruko bwa Afrika (EAC) kugira bafate ingingo zibereye. "
Bitegekanijwe ko ivyo biganiro birangira itariki 29 z'ukwezi kwa cumi mu 2018.










