Urupfu rwa Jamal Khashoggi: Trump 'ntiyanyuzwe' n'insiguro z'ubutegetsi bwa Saudi

Imyiyerekano yo kwiyamiriza inyuruzwa rya Jamal Khashoggi i Istanbul imbere y'Ubuserukizi bwa Arabie Saoudite

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Imyiyerekano yo kwiyamiriza inyuruzwa rya Jamal Khashoggi i Istanbul imbere y'Ubuserukizi bwa Arabie Saoudite

Inyuma yaho ubutegetsi bwa Arabie Saoudite buvugiye ko umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi yapfuye yariko aragwana, Perezida wa Amerika Donald Trump yavuze ko "atanyuzwe" n'izo nsiguro.

Ku munsi wa gatanu, ubutegetsi bwa Arabie Saoudite bwaremeye ubwa mbere ko Bwana Khashoggi yapfuye, busigura ko yishwe mu ngwano "yo guterana ibipfunsi" mu buserukizi bwa Istanbul.

Izo nsiguro ntawazemeye.

Ubutegetsi bw'igihugu ca Turukiya bwemera ko Bwana Khashoggi yishwe, ikiziga ciwe kigahimbugwamwo ibice.

"Sinyuzwe gushika igihe tuzoronka inyishu," niko Bwana Trump yavuze, yongera avuga ko gushira ibihano kuri ico gihugu bishoboka, ariko avuga ko guhagarika amasezerano y'ivyashara vy'ibigwanisho vyobabaza Amerika kurusha uko vyobabaza Arabie Saoudite.

Bwana Trump yavuze ko "bishoboka" ko umwami Mohammed bin Salman abe atarazi ivy'ubwo bwicanyi.

Gushika ku munsi wa gatanu, Arabie Saoudite yarahakana ko itazi irengero ry'uwo mumenyeshamakuru, ivuga ko yavuye mu nyubakwa y'ubuserukizi.

Igihugu ca Turukiya ciyemeje gutanga inkuru zirambuye ku kungene Bwana Khashoggi yishwe.

Ico gihugu carahagaritse kwidogera ku mugaragaro Arabie Saoudite kuri ubwo bwicanyi.

Abakoze iperereza ku ruhande rwa Turukiya bavuga ko bafise amajwi hamwe n'amashusho ya videwo y'ingene Bwana Khashoggi yishwe n'umugwi w'abantu b'abanye Saudi, mu nyubakwa y'ubuserukizi.

Igipolisi cico gihugu carasatse mu nyubakwa y'ubuserukizi, ku kirimba c'uwuserukira igihugu, no mw'ishamba riri iruhande y'ubuserukizi aho igipolisi cibaza ko ikiziga ciwe coba carajanywe.

Mw'itangazo ryasohowe n'ubushikirizamanza bwa Arabie Saoudite bivugwa ko hadutse ingwano hagati ya Bwana Khashoggi n'abantu yasanze mu nyubakwa y'ubuserukizi bw'ico gihugu, munyuma arapfa.

Rivuga ko amatohoza akibandanya, ko abantu 18 b'abanye Saudi bafashwe, ikinyamakuru c'igihugu kikavuga ko umwami Salman yasavye ko abategetsi babiri bakomeye birukanwa mu kazi.

Abategetsi bavuganye n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters na New York Times bavuga ko ubutegetsi bwa Saudi butazi irengero ry'ikiziga c'uwo mumenyeshamakuru mu gihe cahawe "umwenegihugu bakoranye" ngo arabe iyo aja kugita.

Ni kubera iki amakungu akurikirana cane ibibera muri Arabie Saoudite?

Ibihugu vy'ibihangange vya Buraya bivuga ko Arabie Saoudite gifise uruhara runini mu gufasha kubungabunga umutekano mu karere k'ubuseruko bwa hagati hamwe no kugwanya intagondwa be n'iterabwoba.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May yarashigikiye ko bikenewe ko igihugu ciwe kigumana imigenderanire na Arabie Saoudite naho cagirizwa ivyaha vy'intambara mu ngwano iri muri Yemeni, asigura ko ico gihugu gifasha gutuma abantu bo mu mabarabara y'u Bwongereza batekanigwa.

Perezida wa Amerika Donald Trump yaritavye ibirori vyo gutanguza ikigo kigwanya ubutagondwa i Riyadh mu 2017

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Perezida wa Amerika Donald Trump yaritavye ibirori vyo gutanguza ikigo kigwanya ubutagondwa i Riyadh mu 2017

Ingoma ya Arabie Saoudite aho idini rya Islam ryatanguriye iri mu runani rurongowe na Amerika rugwanya leta y'iki Islam, "Islamic State" (IS).

Mu mwaka uheze yatanguje urunani rw'igisirikare ca Islam c'ibihugu 40 " Islamic Military Counter Terrorism Coalition" gifise integeo yo kugwanya iterabwoba.

Ku rundi ruhande Arabie Saoudite ikorana na Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu kugwanya igihugu ca Irani bivugwa ko giteye isibe mu karere k'ubuseruko bwo hagati.

Mu vy'ubucuruzi ico gihugu cagiranye ivyashara vy'imiliyaridi 46 z'amadolari ($46bn) na Amerika mu mwaka w'i 2017.