Perezida Trump w'Amerika yaburiye abacira urubanza Arabie Saoudite ku munyamakuru Jamal Khashoggi wabuze

Bwana Trump yaburiye abo avuga ko bashaka guhita bafata Arabie Saoudite nk'"umunyabyaha"

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bwana Trump yaburiye abo avuga ko bashaka guhita bafata Arabie Saoudite nk'"umunyabyaha"

Perezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe z'Amerika yasabye ko habaho kwigengesera ku bo avuga ko bahutiraho begeka kuri Arabie Saoudite iburirwa irengero ry'umunyamakuru Jamal Khashoggi.

Yabwiye ibiro ntaramakuru AP ko Arabie Saoudite iri gufatwa nk'"umunyabyaha kugeza bigaragaye ko iri umwere."

Bwana Trump yanavuze ko igikomangoma Mohammed Bin Salman cya Arabie Saoudite yahakanye avuga ko atazi ibyabaye kuri Bwana Khashoggi.

Abategetsi ba Turukiya batatangajwe amazina bavuga ko isaka ryakozwe mu nyubako y'ibiro by'uhagarariye Arabie Saoudite i Istanbul mu murwa mukuru wa Turukiya, ryagaragaje ibindi bimenyetso ko ari ho Bwana Khashoggi yiciwe.

Uyu munyamakuru unenga ubutegetsi bwa Arabie Saoudite, aheruka kubonwa yinjira muri iyo ambasade ya Arabie Saoudite iri i Istanbul ku itariki ya kabiri y'uku kwezi kwa cumi.

Mike Pompeo (ibumoso), umunyamabanga wa leta y'Amerika, ku wa kabiri yagiranye ibiganiro n'igikomangoma Mohammed Bin Salman cya Arabie Saoudite mu murwa mukuru Riyadh

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Mike Pompeo (ibumoso), umunyamabanga wa leta y'Amerika, ku wa kabiri yagiranye ibiganiro n'igikomangoma Mohammed Bin Salman cya Arabie Saoudite mu murwa mukuru Riyadh

Arabie Saoudite ihakana ko yamwishe, kandi ku ikubitiro yari yatangaje ko yasohotse mu nyubako y'ambasade nta kibazo afite.

Ariko nkuko bitangazwa n'ikinyamakuru The New York Times, hari impamvu zo gucyeka Arabie Saoudite.

Cyanditse ko abantu bane muri 15 batangajwe n'abategetsi ba Turukiya ko bacyekwaho kuba inyuma y'iburirwa irengero rya Bwana Khashoggi, bakorana bya hafi n'igikomangoma Mohammed Bin Salman, mu gihe undi ari umutegetsi wo hejuru muri minisiteri y'ubutegetsi bw'igihugu ya Arabie Saoudite.

Gitangaza ko umwe muri abo bagabo yagaragaye mu ifoto aherecyeje abo mu muryango w'ibwami mu ngendo zabo zo mu mahanga zo mu bihe bya vuba bishize.

Ikibazo cy'ibura ry'uyu munyamakuru cyatumye Arabie Saoudite yotswa igitutu n'ibihugu by'inshuti zayo za hafi.

Ku wa kabiri, abaminisitiri b'ububanyi n'amahanga bo mu bihugu bihuriye mu itsinda G7 ry'ibicyize cyane kurusha ibindi ku isi, basabye Arabie Saoudite gukora iperereza "rinyuze mu mucyo" kuri iki kibazo.

Hagati aho, Christine Lagarde, umuyobozi mukuru w'ikigega cy'isi cy'imari, yabaye umutegetsi wa vuba wo ku rwego rw'isi uvuze ko atazitabira inama ku ishoramari ikomeye iteganyijwe kubera muri Arabie Saoudite mu cyumweru gitaha, kubera iburirwa irengero rya Bwana Khashoggi.