Indirimbo ziguma mu mutwe vyagenze gute? Zovayo gute?

Agakobwa k'agashinwa kavuza itarumbeti

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Agakobwa k'agashinwa kavuza itarumbeti

Birashikira bose - ukumva indirimbo, ntushobore kuyibagira, ukumva wonayiririmba...haheze inusu saha ukumva iracavugira mu mutwe kandi bikanka ko uyibagira.

Uba waguye ku ndirimbo y'inkoramutima, imata mu mutwe ikaguma igaruka.

None ivyo bishika gute? Umuntu yo vyikiza gute?

Umuhinga w'inyifato zishingiye ku muzika Lauren Stewart, wo kuri kaminuza ya Goldsmiths, mu gisagara ca Londres arafise inyishu:

1. Izo ndirimbo umuntu yumva zikaguma mu mutwe zimeze gute?

Lady Gaga ni nkoramutima

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Indirimbo"Bad Romance" ya Lady Gaga iri muri izo ndirimbo zitava mu muntu

Indirimbo z'ijwi ryoroshe gusubiramwo - riduga rimanuka - usanga zorohera ubwonko gufata.

Mwen'izo ndirimbo ziragwiriye cane mu ndirimbo z'abana nka "Twinkle, Twinkle, Little Star", mu ndirimbo za "pop" n'izindi.

Akarorero ni nk'ururirimbo "Bad Romance" rwa Lady Gaga.

2. Indirimbo zagumye cane mu mitwe y'abantu ni izihe?

Umuririmvyi Katy Perry

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Katy Perry afise indirimbo nyinshi zitibagigwa nka "California Gurls"

Ntutangazwe no kwumva kw'iyo ugumye wumviriza canke uririmba indirimbo, iruhira kuguma mu mutwe.

Abantu bakunda kuririmba canke kwumviriza umuzika, usanga bafise indirimbo zabagumyemwo, ico bita "earworms".

Ngizi zimwe mu ndirimbo zitibagigwa.

  • Bad Romance, Lady Gaga
  • Can't Get You Out Of My Head, Kylie Minogue
  • Don't Stop Believin', Journey
  • Somebody That I Used To Know , Gotye
  • Moves Like Jagger, Maroon 5
  • California Gurls, Katy Perry
  • Bohemian Rhapsody, Queen
Kidum n'umugwi wiwe baririmba

Ahavuye isanamu, Nimbona Jean Pierre

Insiguro y'isanamu, Umuririmvyi Nimbona Jean Pierre batazira Kidum ariko ararimba

No mu baririmvyi ubwabo ico kibazo kirabaho. Umuririmvyi arashobora gusanga hari indirimbo yaririmvye ziguma zica mu mutwe.

Umuririmvyi rurangiranwa w'umurundi Nimbona Jean Pierre amaze gusohora indirimbo zirenga 100 avuga ko hari izabaye bwome mu mutwe iwe.

Izo nazo ni nka: Ngwino (yasohoye mu 2004), Yaramenje (2001) na Mapenzi (2008).

Avuga ko hari n'izindi z'abacuraranzi bakomeye zagiye ziramuguma mu mutwe, nk'iza Papa Wemba, Phil Collins na R Kelly.

Umuririmvyi Itahiwacu Bruce

Ahavuye isanamu, Itahiwacu Bruce

Insiguro y'isanamu, Umuririmvyi Itahiwacu Bruce batazira Bruce Melody

N'umuririmvyi w'umunyarwanda Itahiwacu Bruce bakunze kwita Bruce Melody ivyo ngo vyaramubayeko.

Uwo muririmvyi avuga ko izikunda kumuguma mu mutwe ziba arizo aherutse kuririmba canke kwumva.

Atanga akarorero k'izitwa Blocka hamwe n'Ikinyarwanda.

3. Umuntu yokura gute izo ndirimbo mu mutwe?

Ifoto y'ubwonko na "écouteurs"

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kwisamaza ngo birafasha gukura izo ndirimbo mu mutwe

Uburyo bwiza bwo gukura izo ndirimbo mu mutwe ngo ni kwisamaza, ariko ngo siko vyoroshe.

Abashakashatsi basanze abantu bafise uburyo bwinshi bwo kwirukana izo ndirimbo mu mutwe:

  • Kwumviriza amajambo yavuzwe canke kwumviriza indirimbo zihayagiza ibihugu.
  • Kwumviriza iyo ndirimbo iri mu mutwe kenshi gushika aho ivayo.
  • Guhekenya ijojo

Ubwo buryo bwa nyuma ngo nibwo n'abahinga bahanura kandi ngo hari ivyigwa vyinshi mu vy'ubuvuzi bibushigikiye.

4. Izo ndirimbo hari aho ziba ngirakamaro?

Umugwi Boney M

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Indirimbo Brown Girl in the Ring y'umugwi Boney M yaratabaye umuntu

Izo ndirimbo zikunze kugaruka mu mutwe w'umuntu ngo zirashobora gufasha, akarorero ngo n'ink'ivyashikiye umuntu yakunda kuduga imisozi Joe Simpson, mu misozi ya Andes mu gihugu ca Pérou.

Yabuze iyaja n'iyava kandi akanye cane, yavunitse ukuguru atizeye ko aronka uwuza kumutabara, Joe Simpson yatanguye guta ubwenge - munyuma sinzi ingene indirimbo yo mu myaka y'i 1970 itanguye kuvugira mu mutwe iwe: Brown Girl in the Ring, y'umugwi Boney M wo mu Budagi.

"Yaguma igenda igaruka amasaha menshi," niko Simpson yibuka.

"Numva imbuza amahoro. Nkiyumvira nti mbe ngiye gupfa numva Boney M!'"

Ariko ntiyapfuye, iyo ndirimbo yamubuza amahoro yaratumye aguma akanuye no kuguma ari muzima.