Umugwizatunga wa mbere muri Afrika y'ubuseruko Mo Dewji yanyururijwe muri Tanzania

Mo Dewji

Ahavuye isanamu, Mo Dewji

Insiguro y'isanamu, Umugwizatunga rurangiranwa wo muri Tanzania, Mo Dewji

Umugwizatunga rurangiranwa Mohammed Dewji azwi kw'izina rya Mo Dewji, yanyurujwe uyu musi mu gaturuturu ariko arashaka kwinonora imitsi nk'uko bivugwa n'ibimyeshamakuru vyo mu gihugu ca Tanzania.

Inkuru zitangwa n'ababibonye zivuga ko Mo yashitse mw'ihoteli nziza iri mu karere ka Oysterbay mu gisagara ca Dar es Salaam nk'uko asanzwe abigira buri musi mu gatondo kugira yinonore imitsi.

Acururuka imodoka yiwe, abantu batamenyekanye baciye barasa hejuru hanyuma baca batwara uwo mudandaza mu modoka yabo.

BBC yavuganye n'umukuru w'igipolisi ca Dar es Salaam kw'itelefone, Lazaro Mambosasa, avuga ko iyo nkuru bayumvise kandi ko bariko barabikurikirana.

Mambosasa yasiguye ati:"Twamenye ivyo vyabaye, igipolisi kiriko kirabikurikirana."

Umushikiranganji ajejwe ibidukikije Januari Makamba asanzwe ari umugenzi wa Mo Dewji yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter ko yavuganye na se wiwe, aramubwira ko umuhungu wiwe yanyurujwe.

Tambuka X ubutumwa, 1
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa, 1

Uwurongoye intara ya Dar es Salaam, Paul Makonda yavuze ko inzego zose zijejwe umutekano ziri ku kazi.

Yavuze kandi ko hari n'abantu batatu bamaze gufatwa, ngo bikagaragara ko abanyamahanga babiri ari bo banyuruje Mo Dewji, ko rero atari Abatanzaniya, ngo hazosakwa ahantu hose bamenye aho baciye n'aho baba.

Mo Dewji ni muntu ki?

Mo Dewji, uretse ko ari umugwizatunga, ni n'umunyepolitike, akaba yarabaye umushingamateka wa Singida imyaka 10 gushika mu 2015 aho yakura meza.

Dewji arakunda kandi inkino akaba afise umutahe mu mugwi w'umupira w'amaguru wa Simba wo mu gihugu ca Tanzania.

Tambuka X ubutumwa, 2
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa, 2

Inkuru zitangwa n'ikinyamakuru Forbes candika ku vyerekeye amahera n'ubutunzi, Mo w'imyaka 43 ni we mugwizatunga wa mbere wo mu buseruko bwa Afrika, akaba ari n'umugwizatunga akiri muto muri Afrika yose.

Nk'uko ico kinyamakuru kibandanya kivyandika, Mo afise ubutunzi bw'imiriyaridi 1.5 z'amadolari.