Google yashinzwe itariki 4 ukwezi 9 mu 1998 ariko ihimbaza iyo sabukuru itariki 27

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ni gake cane izina ry'ishirahamwe rikoreshwa cane ritinda rikaba irivuga!
Benshi muri twebwe tuvuga ko turiko 'turagugulinga' igihe cose hari ikintu turiko turarondera kuri internet.
Kandi biroroshe kwumva impamvu - Google ni kimwe mu bigo bikunze gukoreshwa cane mu kurondeza kuri internet - kw'isi yose!
Uyu musi irahimbaza imyaka 20 ikora - ariko abantu bamwe bamwe ntibazi neza igihe ihimbariza iyo sabukuru.
Google ihimbaza isabukuru yayo uyu munsi, ariko yanditswe nk'ishirahamwe itariki 4 z'ukwezi kw'icenda mu 1998.
Ariko kandi iryo shirahamwe ryatangujwe gukora n'abarishinze nk'imbere y'umwaka, itariki 15 z'ukwezi kw'icenda mu 1997.
Inyandiko iri kuri Google isigura "Itariki nyayo y'aho ishirahamwe ryacu ryashingiwe irateye impari, no kuri twebwe twategerezwa gutanga inyishu. Google Inc. yashinzwe itariki 4 ariko mu myaka irenga cumi duhimbaza isabukuru mu kwezi kw'icenda itariki 27."
Urumva ingene wobabara umuntu yibagiye isabukuru ryawe? Ewe Google!

Ahavuye isanamu, Getty Images
Google ikunze guhimbaza ibihe bikomakomeye ikoresheje ibishusho bitandukanye bizwi kw'izina rya ' Google doodles'.
Ivyo bishusho usanga bigizwe n'amabara atandukanye canke udukino n'utundi dushushanyo tuguma duhindagurika.
Wewe none wiyumvira iki kw'isabukuru rya Google? Gira ico ushikirije.










