Facebook yahagaritse kurungika abakozi bayo gufasha mu myiyamamazo y'abanyepolitike

Ahavuye isanamu, Reuters/Getty Images
Ico kigo gikorera ku mbuga hwaniro kivuga ko cahagaritse kurungika abakozi baco gufasha abanyepolitike igihe co kwiyamamaza.
Kimenyereye gutanga abakozi bafasha abanyepolitike gushira imyiyamamazo yabo ku mbuga ngurukanabumenyi.
Umuyobobozi wa Donald Trump mu vy'amakuru yo ku mbuga ngurukanabumenyi, yavuze ko Facebook yamufashije gutsinda amatora yo mu 2016.
Facebook ivuga ko yari yemeye gufasha na Hillary Clinton, ariko uno aravyanka.
Ico kigo ni ica kabiri inyuma ya Google, caminuje mu mu gisata co kwamamaza ku mbuga ngurukanabumenyi.

Ahavuye isanamu, Facebook
Ibigo Google na Twitter biratanga navyo nyene impanuro mu myiyamamazo y'abanyepolitike.
Vyo ntivyavuze ko bizohagarika ico gikorwa.
Facebook yavuze ko ahubwo izotanga impanuro ku migambwe yose ku rubuga rwayo.
Abakora imyiyamamazo bazoshobora kuronkera imfashanyo ku rubuga ngurukanabumenyi, kandi ico kigo nticavuze ko kizohagarika kugirana imibonano n'abanyapolitike.
Ku bw'ivyegeranyo vyabonywe n'ikinyamakuru Bloomberg, imyiyamamazo ya Donald Trump yatwaye imiliyoni $44 ku matangazo yaciye kuri Facebook kuva mu kwezi kwa gatandatu gushika mu kwezi kwa cumi na rimwe 2016, mu gihe iya Hillary Clinton yatwaye imiliyoni $28.










