Victoire Ingabire yoba agiye kwidegemvya koko?

Uwutavuga rumwe n'ubutegetsi bw'u Rwanda Victoire Ingabire aheruka gupfungugwa

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Uwutavuga rumwe n'ubutegetsi bw'u Rwanda Victoire Ingabire aheruka gupfungugwa

Uwutavuga rumwe n'ubutegetsi bw'u Rwanda, Victoire Ingabire ejo yarapfunguwe inyuma y'imyaka umunani yaramaze mu munyororo, ariko ubutegetsi hari ivyo bwamusavye kwubahiriza bituma umwidegemvyo wiwe ushirwako kabaza.

Mu kiganiro yahaye radiyo Inkingi y'umugambwe wiwe, Madamu Ingabire avuga ko agiye gukomeza gusaba ngo abagipfunzwe bari kumwe nawe mu mugambwe wiwe "Forces Démocratiques Unifiées" (FDU) Inkingi nabo barekugwe.

Mu bindi bikorwa yihutira kurangura, uwo mukenyezi avuga ko agiye kwandikisha umugambwe wiwe, ariko akanemeza ko ata mutwe wa gisirikare ufise nkuko vyari mu birego vyatumye apfungwa.

Uretse abanyamugambwe bari mu gihugu hagati, umugambwe FDU Inkingi urafise n'abanywanyi mu mahanga, Madamu Ingabire avuga ko bagiye kubandanya bakorana.

Asabwa iki?

Muvyo agiye kurangura vyose, uwo munyapolitike asabwa kwubahiriza ibitegekanijwe mw'itegeko Nº 131/01 ryo ku wa 14/09/2018 ryatumye apfungugwa, ari navyo bikurikira.

Uwo wese yagiriwe ikigongwe ategerezwa kumenyesha aho aba, akitaba ubushingwamanza bw'aho aherereye rimwe mu kwezi, nkuko biri mu ngingo ya mbere n'iya kabiri y'iryo tegeko.

Uwipfuza kuja mu mahanga, abanza kubisabira uruhusha umushikiranganji w'ubutungane.

Muri iryo tegeko nyene, hategekanijwe ko ikigongwe gishobora gusubira kwambugwa igihe uwagihawe atubahirije ibisabwa.

Naho ayo mategeko yasohowe, Madamu Ingabire yamenyesheje ko urugamba rwa politike ariho ruza rwatangura, ko agiye kwihutira kwumvisha abanyagihugu ko kutavuga rumwe n'ubutegetsi bidasigura kuba umwansi w'igihugu.