Umunya Mali yarokoye umwana mu Bufaransa yahawe ubwenegihugu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umunya Mali yarokoye umwana yagira akoroke ava mw'igorofa mu gisagara ca Paris mu Bufaransa, yahawe ubwenegihugu.
Mamoudou Gassama yaduze igorofa zine aja kurokora uwo mwana yasa naho atawumwitwararitse.
Bwana Gassama yaba mu Bufaransa atabirekuriwe n'amategeko, yarashimiwe n'amakungu ku butwari bwiwe.
Perezida Emmanuel Macron yaramushimiye ku giti ciwe, avuga ko azomuha akazi mu gisata c'impanuka ziturutse ku muriro.
"Kino gikorwa c'ubutwari cerekana agaciro ko kunywanisha abanyagihugu, wihweje ubwo butwari, ukwo kutikunda ukarondera ineza y'abandi cane cane abatishoboye," niko itegeko rimuha ubwenegihugu ryasohowe ku wa gatatu rivuga.

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY
Bwana Gassama yabanje yemeregwa gucumbikigwa n'igihugu (permis de résidence), intambwe ya mbere yamujana ku bwenegihugu, munyuma aronka ubwenegihugu ku butwari yerekanye.
Yahavuye yitwa Spiderman inyuma y'ico gikorwa c'ubutwari.
Yashize igikumu ku masezerano yo kwimenyereza akazi mu gisata c'igihugu gifasha mu mpanuka ziturutse ku muriro, yongera yambikwa umudali.
Yashitse mu Bufaransa mu mwaka uheze aciye mu nzira y'abimukira mu kiyaga Méditerranée, munyuma aronka akazi mu vy'ubwubatsi ku mugwa mukuru.
Yakora ahembwa, akabana n'abandi mw'icumbi ahitwa Montreuil - hazwi kw'izina rya "petite Bamako" bitewe nuko hari hagwiriye abanyagihugu baturuka muri Mali.
Ntiyigeze asaba ubuhungiro, yaba mu Bufaransa atabirekuriwe n'amategeko.










