Muri Ghana bari mu muhango wo gushingura Kofi Annan, yahoze ari umunyamabanga mukuru wa ONU

Ahavuye isanamu, Reuters
I Accra muri Ghana hariko haraba umuhango wo gushingura Bwana Kofi Annan, umwirabura wa mbere yarongoye ishirahamwe mpunzamakungu ONU, yashengeye ku myaka 80.
Abanyacubahiro hamwe n'abanyagihugu bari bamaze iminsi ibiri baja gusezera ikiziga ciwe cari mu kibanza categuriwe abipfuza kumuserukako ubwa nyuma.
Haheze amayinga igihugu kiri mu bihe vyo kwibuka ubuzima bw'umuntu ari mu bari bubashwe cane kw'isi.
Muri ino minsi ibiri irangiye ingoma nizo zumvikana mu nyubakwa y'amakoraniro "Accra International Conference Centre", mu gihe abamugandariye bo mu gihugu no mu makungu baguma baja kumutera iteka.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwe mu bagiye kumuha icubahiro ca nyuma ni Graça Machel, umugore w'umuhisi Nelson Mandera yigeze kurongora Afrika y'epfo.
Yagize ati: "Ku bwanje ni umunyamabanga mukuru wa ONU asize amakanda akomeye kw'isi. Nk'umunyafrika biranteye iteka ko umuhungu wa Afrika yafashije isi mu bibazo bikomeye.
"Yamye ahagararira amahoro, agashira imbere abanyagihugu muvyo yakorera isi. Ndamukunda, ni musazanje kandi ndabivuze bivuye ku mutima, sindabivuze ngo nuko yitavye Imana."

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abakuru b'ibihugu bavuye mu turere twinshi twa Afrika barimwo uwa Côte d'Ivoire, uwa Ethiopia n'uwa Zimbabwe bitavye umuhango wo kumushingura co kimwe n'abigeze kurongora leta y'Ubudagi, iya Finlande hamwe n'iy'Ubuswisi.
Uwo muhango uraza gukurikigwa n'ipfubwa ryiwe, rijamwo ahanini abo mu muryango wiwe, igisirikare kigategekanya kurasa imizinga 17 yo kumutera agateka.










