Bobi Wine arekuwe ivy'agateganyo icambere agiye kwihutira na bagenzi we ni ukwivuza

Uganda, Museveni, Bobi Wine

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu mwaka ushize nibwo Bobi Wine yatorewe kuba Depite atsinze kuri uwo mwanya abakandida barimo n'abo mu ishyaka riri ku butegetsi muri Uganda

Sentare yo mu muji wa Gulu bu buraruko bwa Uganda rwabaye ruramurekura, we na bagenzi we 32 babanje gutanga ingwati.

Bobi Wine yarengutse imbere ya sentare yishimikije ikibando canke imbago, binaboneka ko bimugore kwicara.

Uyu muririmvyi yabaye umushingamateka vyari vyanavuzwe ko yakubiswe igihe yinjizwa mu gasho k'igisirikare.

N'abandi bafatanywe hamwe bari bitabarije ko nabo nyene baborejwe igufa.

Nka Shabani Atiku, w'imyaka 51, yaranatemvye ari imbere y'abacamanza, mu nyuma barinda guterura.

Aba 33 bafashwe bose, bagirizwa kuba barahemukiye igihugu.

Aho ni mu birego babashirako vy'itera ry'amabuye ku miduga yunguruza Perezida Museveni, igihe c'imyiyamamazo yabera mu karere Arua kari mu buraruko bushira uburengero bw'u Buganda.

Uwatsinze amatora mur'ako karere, Kassiano Wadri, nawe nyene ari mu bagirizwa, kandi ari no mur'abo barekuwe ivy'agateganyo babanje gutanga ingwati.

Ariko nk'uyu Kassiano yabujijwe kuja kugendera abamutoye mu kiringo c'amezi 3 ata ruhusha ahawe n'ubutungane.

Leta ntiyahakanye iyo ngwati, ariko kubera igitigiri c'abo bacirwa urubanza bari benshi, 12 gusa nibo bashoboye kwumvirizwa imbere y'amasaha yo gufungura.

Ariko abo 33 bose bemerewe kurekurwa batanze ingwati.

Abashyigikiye Bobi Wine bavuga ko leta yamuhagurukiye kuva aho atanguriye kwiyamiriza amakosa y'intwaro ya Museveni.