Mu mafoto: ingene ubwirakabiri bwabonetse kw'isi hose
Abantu bo mu bihugu vyinshi kw'isi bashoboye kubona ubwirakabiri aho ukwezi kwahindutse kugatukura bikaba vyamaze umwanya muremure cane utari bwigere ubaho mu kinjana ca 21.

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu Bugiriki ukwezi kwari hejuru cane i Poseidon mu gisagara ca Cape Sounion, hagufi ya Athene.
Mu gihe c'ubwirakabiri, isi iba iri hagati y'ukwezi n'izuba.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uretse ko kuronka umuco uvuye ku zuba, uko kwezi kwari gufise umuco muke kubera ko isi yari yunamye.
Ivyo bituma uko kwezi guca gusa n'umucungwe canke kugatukura.
Uko kwezi kwagaragaye kuva muri Afrika gushika mu burasirazuba bwo hagati, i Buraya, mu Burusiya, Ubuhinde na Australia.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu gisagara ca Strasbourg, kwabonetse guca hejuru y'ico gishusho cakozwe n'umuhinga m'uvyo gushushanya wo muri Amerika Jonathan Borofsky.

Ahavuye isanamu, EPA
Mu Buswisse uko kwezi kwabonetse hejuru y'imisozi ya Alpes.

Ahavuye isanamu, Reuters
Abariko bararaba uko kwezi ntibari bakeneye icuma ico ari co cose kugira bakubone.

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu gihe uko kwezi kwariko kuraca hejuru ya Abu Dhabi, kwabonetse ku munara muremure wonze w'umusigiti munini wa Sheikh Zayed

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu gisagara ca Sydney, abantu benshi bakoraniye hamwe kugira barabe uko kwezi gutukura

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abantu bakoresheje amatarubindi mu kuraba ivyo bintu vy'akataraboneka mu gisagara ca Taipei mu gihugu ca Taiwan, aho ubwo bwirakabiri bwamaze umunota wose n'iminota 43.










