Mu mafoto: ingene ubwirakabiri bwabonetse kw'isi hose

Abantu bo mu bihugu vyinshi kw'isi bashoboye kubona ubwirakabiri aho ukwezi kwahindutse kugatukura bikaba vyamaze umwanya muremure cane utari bwigere ubaho mu kinjana ca 21.

Ukwezi kwari hejuru cane i Poseidon mu gisagara ca Cape Sounion, hagufi ya Athene mu Bugiriki

Ahavuye isanamu, Reuters

Mu Bugiriki ukwezi kwari hejuru cane i Poseidon mu gisagara ca Cape Sounion, hagufi ya Athene.

Mu gihe c'ubwirakabiri, isi iba iri hagati y'ukwezi n'izuba.

Ifoto yerekana ukwezi gutukura inyuma y'igishushanyo c'Imana mu Bugiriki hagati mu gisagara ca Athene itariki 27 z'ukwezi kw'indwi mu 2018

Ahavuye isanamu, Getty Images

Uretse ko kuronka umuco uvuye ku zuba, uko kwezi kwari gufise umuco muke kubera ko isi yari yunamye.

Ivyo bituma uko kwezi guca gusa n'umucungwe canke kugatukura.

Uko kwezi kwagaragaye kuva muri Afrika gushika mu burasirazuba bwo hagati, i Buraya, mu Burusiya, Ubuhinde na Australia.

Ukwezi gutukura kwafashwe ifoto haranashushanywa n'isanamu n'umuhinga wo muri Amerika Jonathan Borofsky 'y'umupfasoni ariko aratembera mu kirere mu gisagara caa Strasbourg, mu buseruko bw'Ubufaransa.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Mu gisagara ca Strasbourg, kwabonetse guca hejuru y'ico gishusho cakozwe n'umuhinga m'uvyo gushushanya wo muri Amerika Jonathan Borofsky.

Ukwezi gutukura kwaciye hejuru ya Saentis (2502m), Alpstein mu gihugu c'Ubuswise

Ahavuye isanamu, EPA

Mu Buswisse uko kwezi kwabonetse hejuru y'imisozi ya Alpes.

Abaraba inyenyeri mu gihugu ca Singapore

Ahavuye isanamu, Reuters

Abariko bararaba uko kwezi ntibari bakeneye icuma ico ari co cose kugira bakubone.

Mu gihe uko kwezi kwariko kuraca hejuru ya Abu Dhabi, kwabonetse ku munara muremure wonze w'umusigiti munini wa Sheikh Zayed

Ahavuye isanamu, Reuters

Mu gihe uko kwezi kwariko kuraca hejuru ya Abu Dhabi, kwabonetse ku munara muremure wonze w'umusigiti munini wa Sheikh Zayed

Mu gisagara ca Sydney, abantu benshi bakoraniye hamwe kugira barabe uko kwezi gutukura

Ahavuye isanamu, Getty Images

Mu gisagara ca Sydney, abantu benshi bakoraniye hamwe kugira barabe uko kwezi gutukura

Abantu bakoresheje amatarubindi mu kuraba ivyo bintu vy'akataraboneka mu gisagara ca Taipei mu gihugu ca Taiwan

Ahavuye isanamu, Getty Images

Abantu bakoresheje amatarubindi mu kuraba ivyo bintu vy'akataraboneka mu gisagara ca Taipei mu gihugu ca Taiwan, aho ubwo bwirakabiri bwamaze umunota wose n'iminota 43.