Amafoto ya Afrika y'indwi: kuva ku wa 26 ukwezi kwa mbere - 2 ukwezi kwa kabiri 2018

Amafoto meza yo hirya no hino muri Afrika hamwe n'abanyafrika aho bari hose kw'isi muri iyi ndwi.

Pupils write on their notebook as they attend class at a primary school in Pikine, on the outskirts of Dakar, on January 30, 2018.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umunyeshure w'umwigeme ariko arakurikirana icirwa mu micungararo ya Dakar. Ico gihugu kiriko kiraberamwo inama y'abatanga imfashanyo, mu kurondera amamiriyaridi n'amamiriyaridi yo kwinjiza abana benshi mw'ishure mu bihugu bikiri mu nzira y'amajambere.
Kunle Tejuoso, owner of The Jazz Hole organizes bookshelves on January 30, 2018. The Jazz Hole is an independent record and book store in Lagos.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Hagati aho abanye Nigeria barashavuye inyuma y'aho umumenyeshamakru w'umufaransa abarije nimba bafise ahagurishirizwa ibitabo mu ntango y'iyi ndwi. Nk'uko iyi foto y'i Lagos ivyerekana, barahafise koko.
Opposition supporters demonstrate with a fake money with the face of presidential candidate Raila Odinga prior to his mock 'swearing-in' on January 30, 2018 at Uhuru Park in Nairobi, Kenya

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Kuri uyu wa kabiri, muri Kenya, abantu ibihumbi n'ibihumbi barasidukanye n'iyonka kuraba aho uwutavuga rumwe na reta Raila Odinga yirahiza. Umwe mubamushigikiye yerekanye uko yari kuba ameze mu gihe yari gutsinda amatora yo mu mwaka uheze.
Algerian doctors and dentists who are completing their residency stage of their studies stage a sit-in outside the Mustapha Bacha hospital in Algiers, on January 30, 2018, as part of a two-month-long strike protesting against compulsory civil service.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Uwo musi nyene, abaganga bo ku mugwa mukuru wa Algeria, Alger, bihaye amabarabara mu myiyerekano y'amezi abiri yo kwiyamiriza ingingo yo gukora badahembwa.
India's Jyoti Amge (R), the world's shortest woman poses for a picture with Sultan Kosen of Turkey, the world's tallest man, at the site of the Pyramids of Giza in Egypt on January 26, 2018, with the Sphinx and the Pyramid of Khafre (also known as Chephren) seen in the background

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Mu misi mike iheze, umupfasoni wa mbere mugufi kw'isi, Jyoti Amge wo mu Buhinde hamwe n'umugabo wa mbere mu burebure, Sultan Kosen wo muri Turkia barahuriye mu Misri, aho bifotoje ifoto idasanzwe.
A Tunisian child takes a selfie with French President Emmanuel Macron during a ceremony in memory of the victims of a deadly Islamic State group attack in 2015 at Tunis" Bardo Museum on February 1, 2018.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Mu Tunisia, abantu benshi bari barindiranye igishika ifoto - bifotora bari kumwe na Emmanuel Macron, prezida w'Ubufaransa yariko aragendera uburaruko bwa Afrika
Retired Jamaican Olympic and World champion sprinter Usain Bolt poses for a selfie with spectators as he arrives for the PUMA School of Speed Athletic event at the Ruimsig Stadium in Roodepoort, Johannesburg, on January 29, 2018

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ukwifotora kandi kwari kurindiranye igishika ku birometero ibihumbi n'ibihumbi, i Johannesburg muri Afrika y'epfo, aho umunonotsi rurangiranwa kw'isi, Usain Bolt yagaragaye ku musi wa mbere.
Morocco's Zakaria Hadraf (C) is tacked by Libya's Meftah Taqtaq (R) during the semi-final football match in the African Nations Championship between Morocco and Libya at the Mohammed V Casablanca Stadium on January 31, 2018

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Bolt, azwi nk'umukunzi w'umupira w'amaguru, nta nkeka ko yahomvye ihiganwa rya CHAN ririko rirabera muri Maroc. Aha umukinyi Zakaria Hadraf wa Maroc yari ahejeje gutegwa n'umukinyi wa Libya.
A woman walks along a beach at sunset in Grand Bassam, Ivory Coast, 27 January 2018

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Biboneka ko i Grand Bassam, muri Cote d'Ivoire, hari hatekanye cane ku musi w'Imana aho uyu mupfasoni yajayo.
The moon rises over Kadam mountain in Nakapiripirit town, northeastern Uganda, on January 31, 2018, during the lunar phenomenon referred to as the "super blue blood moon"

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Hanyuma ni nde atabonye ukwezi ku musi wa gatatu mw'ijoro? Uku "n'ukwezi kunini k'ubururu acanze n'amaraso" kwari hejuru y'umusozi wa Kadam mu gisagara ca Nakapiripirit, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Uganda.

Amafoto yafashwe na AFP hamwe na Reuters