Umunya Nigeria yapfuye agerageza ibiheko yambaye

Ibi bikunze kubaho muri Nigeria nubwo hari hasanzwe hari amakuru yuko hari abantu bapfiriye mu magerageza nk'aya mu bihe bya vuba bishize

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibi bikunze kubaho muri Nigeria nubwo hari hasanzwe hari amakuru yuko hari abantu bapfiriye mu magerageza nk'aya mu bihe bya vuba bishize

Umunya Nigeria avura abantu akoresheje ibiheko yapfuye arashwe ariko arigeragerezako ibiheko yavuga ko bizibira amasasu.

Chinaka Adoezuwe w'imyaka 26, yapfuye inyuma yaho ategekeye umuntu kumurasa yambaye ibiheko mw'izosi.

Igipolisi co mu bumanuko bushira ubuseruko ahitwa Imo, cavuze ko uwo mukiriya wiwe yaciye afatwa yegetsweko urwo rupfu.

Igihugu ca Nigeria kirakoreshwamwo cane ibiheko, aho abapfumu barondegwa kenshi ngo bavure indwara zitandukanye.

Hari amakuru menshi avuga ko abantu benshi bapfuye, bariko bapima ko ibiheko canke iyindi miti bikingira amasasu.

"Umugabo akiri muto yagiye ku mupfumu ngo amukorere ibiheko vyomukingira amasasu, nawe arabikora."

Mu kugerageza kwerekana ko bikora, yarahagaze aha inkoho umukiriya wiwe. Yaramurashe arapfa."

Mu kwezi kwa mbere, hari umupfumu yafashwe inyuma yaho umugabo anyoye umuti wigiza kure amasasu, munyuma akaraswa agapfa.

Uwagurisha uwo muti mu buraruko bushira uburengero bwa Nigeria, yemeje uwo mugabo ko adashobora gupfa igihe yoba arashwe.