Shuga Shaa, umukinyi wa filimi wo muri Nigeria, agiye kwubakana n'igipupe

Shuga Shaa na Tonto Shaa

Umukinyi wa filime asanzwe anatwenza abantu Benjamin Nwachukwu, bazwi kw'izina rya Shuga Shaa, yatumye havugwa vyinshi mu gisagara ca Lagos aho avugiye ko afitaniye ubucuti n'igipupe gikoreshwa mu busambanyi citwa Tonto shaa.

Ico gipupe c'igikobwa gifise imishatsi itari iyaco, inzara ziciye neza kandi cambara ibintu vyiza harimwo ivyo cambara mw'izosi no ku maboko bizimvye cane - ubu na ho gifise n'imodoka.

Shuga Shaa yagaragaye agiye kuraba filime mu modoka yiwe ari kumwe n'uwo mukunzi wiwe mushasha.

Bamwe mu bakunzi biwe bababajwe n'ivyo bintu banavuga ko ari 'umugwayi wo mu mutwe' kandi ari 'umusazi'.

Abandi bamushikiye banabifata nk'inkuru itwengeje.

Shuga Shaa yanebaguye abatamutegera avuga ko "Tonto Shaa yakozwe n'abantu nka wewe nanje, nta mutima w'ubwenge afise."

Shuga Shaa ari kumwe n'umukunzi wiwe Tonto Shaa

Ahavuye isanamu, Shuga Shaa/ Instagram

Insiguro y'isanamu, Shuga Shaa ari kumwe n'umukunzi wiwe Tonto Shaa

Yabwiye BBC igisata ca Igbo ko azi ivyerekeye urwo rukondo bafitaniye na Tonto Shaa kandi ko aticuza.

Yavuze ko afise umugambi wo kwubakana imbere y'amategeko n'ico gipupe.

Shuga Sha yavuze ati:"Tonto Shaa ni umwigeme kandi akwiye kubahwa."

"Aratuma umutima wanje utekana, ntidushwana kandi ntiyigera ambabariza umutima".