Abantu barenga 86 biciwe mu ntambara y'abarimyi n'aborozi muri Nigeria

Abantu barenga 86 biciwe hagati mu gihugu ca Nigeria mu mishamirano iri hagati y'aborozi n'abarimyi.
Inkuru zitangwa n'abarongoye ako karere, izo ntambara zatanguye ku musi wa kane inyuma y'aho umugwi umwe w'abarimyi bafatiwe ingwati, batanu muri bo bakicwa, imbere y'uko haba igikorwa co kwihora ku musi wa gatandatu ku borozi.
Intambara zikomeye zabaye mu bigwati bitandukanye hagati mu gihugu ca Nigeria zikaba zimaze guhitana abantu benshi, abandi benshi barakomereka.

Mu karere ka Barkin Ladi harabaye imigwano ikomeye ubona ko ari na ho iyo mishamirano ikunze kwaduka kenshi na kenshi n'aho hari haheze imyaka ibiri atagakaciye.
Bivugwa kandi ko hadutse intambara nk'izo mu kwezi kwa kane ariko iz'ubu zirakaze cane.
Kuva uyu mwaka utanguye, imishamirano nk'iyi yaradutse mu turere tumwe tumwe two hagati mu gihugu muri Nigeria naho yagiye irahagarikwa n'abajejwe umutekano.
Izi ntambara zo kwihorahorana, uretse ko zituma haba abahasiga ubuzima benshi n'abakomereka, zatumye kandi haba ukwicamwo ibice hafatiwe ku moko n'amadini muri ako karere.
Igipolisi kiza camaze gushika muri ako karere gutandukanya abo bariko baratana mu mitwe.










