Burundi: HCR ivuga ko ata buryo bukwiye bwo gufasha abahunguka

Gogo Hukportie (i buryo) aserukira HCR mu Burundi
Insiguro y'isanamu, Gogo Hukportie (i buryo) aserukira HCR mu Burundi

Kuva hasinywe amasezerano hagati y'uburundi, HCR na Tanzania kukungene hokwongerezwa igitigiri c'impunzi zitahukanwa ziva muri Tanzania, mu mpera z'ukwezi kwa 3 uyu mwaka, ishirahamwe HCR rimenyesha ko hamaze gushika impunzi zirenga gato ibihumbi 32.

Gogo Hukportie aserukira HCR mu Burundi avuga ariko ko iryo shirahamwe rihanzwe n'ubukene bw'uburyo bigatuma ridafasha neza abatahukanwa.

Abivuze mu gihe buca hahimbazwa umusi wahariwe impunzi kw'isi.

Kuva vyumvikanyweko mu nama yahuje uburundi, HCR na Tanzania, mu mpera z'ukwezi kwa 3 uyu mwaka, buri ndwi hatahukanwa impunzi 2000 canke zababa ico gitigiri.

Mu gihe bitegekanijwe ko umwaka uzorangira hamaze gutahukanwa izigera ku bihumbi 72, Gogo Hukportie aserukira HCR mu Burundi amenyesha ko kuva ico gihe hamaze gutahukanwa abarenga ibihumbi 30.

Ariko avuga ko HCR idafise uburyo bwo kubandanya ibafashiriza mu miryango.

«Hari igihe tudashikana ibihumbi 2 ku ndwi nkuko bitegekanijwe kubera hatahuka uwushaka. Hamaze gushika impunzi zirenga gato ibihumbi 32. Abasigaye Tanzania bababa ibihumbi 240. Nivyo, abahunguka baridoga ko imfashanyo y'amezi atatu tubaha idakwiye. Ariko, HCR ntikironka uburyo bukwiye bwofasha ibirenze aho kubera ababutanga barikwega. Nosaba ayandi mashirahamwe araba ivy'iterambere mu gihugu kudukorera mu ngata. Iyo inryane zimaze umwanya munini, abatanga uburyo baca badebukirwa. Nkubu nobabwira ko muri uno mwaka tumaze kwegeranya ibice 20 kw'ijana vy'amafaranga akenewe kugira dushobore gufasha impunzi z'abarundi. Ni make cane », nikwo Gogo Hukportie asigura.

Kiretse impunzi ziri muri Tanzania, hari izindi zirenga ibihumbi 80 zihawe indaro mu Rwanda, izirenga ibihumbi 47 ziri muri repubulika iharanirra demokarasi ya kongo eka hari n'iziri mu Buganda.

Gogo Hukportie amenyesha ko ivy'itahukanwa ryabo bitaratomoka neza.

Uburundi nabwo nyene burahaye indaro impunzi z'abanyamahanga zigizwe n'abakongomani hamwe n'abanyarwanda.

Bose hamwe barenga gato ibihumbi 72, igice kinini begeranirijwe mu makambi y'impunzi 5 asabagiye mu gihugu.

Kuri uyu wa gatatu niho hazohimbazwa umusi wahariwe impunzi kw'isi.

Mu Burundi uzohimbarizwa mw'ikambi y'impunzi 'azbakongomani ya kavumu mu ntara ya Cankuzo.