Abategetsi babiri bariko bifotora bahatswe guhitanwa n'ikiraro muri Kenya

Abategetsi babiri basimvye imanga igihe ikiraro bari bahagazeko cabomoka, nkuko ibinyamakuru bivuga.
Mu makuru yaturutse mw'iradiyo Capital FM, bivugwa ko Bulamatari Alfred Mutua arongoye intara ya Machakos iri mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Kenya, hamwe na mugenziwe Joash Maangi icegera ca Bulamatari w'intara ya Kisii mu burengero bwa Kenya, bariko bifata amafoto ya "selfie" igihe iyo mpanuka yashika.
Ntawuramenya icatumye ico kiraro gisenyuka.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa






