Ifi z'ikiyaga Victoria ziri ku mushiro

Ikiyaga Victoria gica mu bihugu bitatu Kenya, Tanzania na Uganda

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ikiyaga Victoria gica mu bihugu bitatu Kenya, Tanzania na Uganda

Ifi zikunze kuboneka mu kiyaga Victoria gusa (ibice 75%) co muri Afrika yo mu buseruko ziri ku mushiro, nkuko bivugwa mu cegeranyo c'ikigo gikingira ibidukikije "International Union for Conservation of Nature" (IUCN).

Ico cegeranyo casohowe inyuma y'itohoza ryakozwe ku bwoko 204 bw'ifi.

Gifatira akarorero ku bwoko bw'ifi bita "Kamongo", ifi ndende zisa n'izindi bita "anguille", igitigiri cazo cagabanutse kubera uburovyi bw'ikirenga, ubukogwa nabi hamwe n'itituka ry'ibidukikije, mu gihe utuce tubomvye tuguma duhindugwa mu si ndimwa.

Amahinguriro atosekaza umwuka hamwe n'uburimyi burenze urugero, biri mu bibangamiye ibinyabuzima mu karere, nkuko ico cegeranyo kivuga.

Muri ico cegeranyo barasigura ingene ihindagurika ry'ibihe ribangamira ubuzima bw'izo fi, mu gihe ifi zo mu mazi bizigora kumenyera n'ingoga ivyo bihe bigenda bihindagurika.