Ibikoko vy'imvubu ngo birageramiwe mu Burundi

Mu Burundi ngo imvubu zirageramiwe biturutse ku bazica no kubura ubwatsi bukwiye, nkuko vyashikirijwe na Samuel Ndayiragije umuyobozi mukuru w'ibidukikije mu Burundi.
Ku bw'uwo mutegetsi, imvubu zirenga 15 nizo zimaze kugandagugwa n'abagizi ba nabi muri iyi myaka ibiri irangiye.
Bwana Ndayiragije yashikirije ayo majambo kuri uno wa mbere, igihe umugwi w'abahinga yari ahagarariye wari uhejeje gutabara imvubu yari yaguye mu kinogo ihiga ubwatsi, mw'ikomine iri hafi y'umurwa mukuru Bujumbura.

Uwo mutegetsi yemeza ko imvubu zigeramiwe muri kino gihe kubera zitakironka ubwatsi bukwiye, kubera aho ziba hatagikingiwe neza.
Imvubu yatabawe uno munsi
Imvubu yatabawe mu Kabezi yari imaze imisi itatu iri mu kinogo cavuyemwo amatafari, bidakunda nuko ija kurisha.
Kugira bashobore kuyikurayo, ubushikiranganji bw'ibidukikije bwarinze gusaba ama sosiyete akora amabarabara, kugira abutize imashini yo mu bwoko bwa buldozer kugira ibanze ice inzira.

Samuel Ndayirangije arongoye ikigo kigenzura ibidukikije, amenyesha ko iyo mvubu ibaye iya gatatu bashoboye gutabara ku zindi zirenga 15 zagandaguwe muri iyi myaka ibiri iheze.
Asigura ko ibikorwa vyo kurima no kwubaka mu bibanza izo mvubu zahora zirishirizamwo, ari kimwe mu bituma zigenda gushika kure zirondera ubwatsi bigatuma zigwa mu mitego.
Samuel agira ati: «Twabonye ko bazitega ibinogo. Ubu rero twatanguye gukora rusansuma rw'ibinogo vyose biri hafi y'ikiyaga tanganyika kugira bice bizibirwa vuba cane.»
Uwo mutegetsi yemeza ko ata mugizi wa nabi n'umwe barashobora gufata mu bagandagura izo mvubu.
Amenyesha kandi ko mu Burundi hari imvubu ziharurwa hagati ya 500 na 600 zikwiragiye mu gihugu.










